UBM News ads

Abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa barakomeretse

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abashika bane nibo bakomeretse mu mishamirano, umwe niwe yashoboye kujanwa kwa muganga mwijoro ryo kur’uyu wagatandatu muri zone Minago mu ntara ya Rumonge. Ingoro y’uwo mugambwe CNL ikaba yamenaguwe amadirisha n’imiryango ibiri munzu navyo birasahurwa n’abantu bataramenyekana.

Umwe mubarongoye umugambwe CNL mu ntara ya Rumonge akaba yagiriza urwaruka rwo mu mugambwe CNDD-FDD kuba barabomoye iyo nyubakwa. Ibicapo vyose n’ivyari vyanditse kur’iyo ngoro bikaba vyarafuswe.

Iyo ngoro ikaba yari kugurugwa bukeye n’umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, ariko ntivyabaye bigishoboka. Umushingamateka Agathon Rwasa, akaba ari icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka akaba yaciye ahitamwo kugendera abakomereste mur’iyo ntureka. Agathon Rwasa agahamagarira imigambwe kubana neza mubutandukane bwayo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments