Ibihumbi n’ibihumbi vy’abanya Chad bitavye ibirori vy’igihugu vyo gusezera prezida Idriss Déby yari amaze imyaka myinshi ku butegetsi inyuma y’urupfu rwiwe ku rugamba rwo kurwana n’abagarariji bitwaje ibigwanisho.
Mu bategetsi b’ibindi bihugu bitavye urwo rubanza harimwo Emmanuel Macron w’Ubufaransa, busanzwe bukorana cane na Chad mu rugamba rwo kurwanya intagondwa z’aba Islam mu karere ka Sahel.
Imbere y’isandugu irimwo ikiziga ca Déby, Macron yavuze ati: “Wabayeho nk’umusoda, wapfuye nk’umusoda n’ibigwanisho mu maboko.
“Wahebeye ubuzima bwawe Chad mu kurwanira abanyagihugu bayo.”

Urupfu rwiwe giturumbuka ku wa kabiri rwakiriwe n’ihayagizwa ry’abakuru b’ibihugu batandukanye – Prezida w’Ubufaransa akaba yamwise ”intwari y’umugenzi”, uwa Cameroun Paul Biya avuga ko yakoze “atiziganya”, uwa Congo Kinshasa Felix Tshisekedi yavuze ko urupfu rwiwe ari “igihombo kinini kuri Chad na Afrika yose”, umukuru wa Mali Bah Naw yababajwe n’urupfu “giturumbuka”, nayo Cyril Ramaphosa wa wa Afrika y’Epfo avuga ko urwo rupfu ”ruhungabanya”.
Prezida Déby yari kirumara mu mikekenyuro y’umutekano mu karere ka Sahel – Chad n’igihugu kizwi kuba gifise ingabo za mbere zavyigiye kandi zifise ibigwanisho bikomeye muri Africa y’Uburengero iri mu ntambara n’imigwi ifitaniye isano na al-Qaeda na Etat Islamique.
Inama ya gisirikare irongowe n’umuhungu wiwe Gen Mahamat Déby Itno yaciye ifata ubutegetsi inyuma y’urupfu rwiwe.
Gen Déby, w’imyaka 37, yavuze ko azotunganya amatora ya demokrasi mu mezi 18, ariko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bariyamirije ubusubirizi nk’ugufata ubutegetsi ku nguvu mu gihe hari n’umugeneral yavuze ko intwazangabo nyinshi ziteye kubiri n’iyi ntwaro mfatakibanza.





Recent Comments