Abantu barenga 200 nibo bishwe hamwe n-ababuzwe irengero mu mwaka w-2020, vyatangajwe na Leta zunz-ubumwe za Amerika.

0

Iraporo y-impapuro 43 yasohowe n-ibiro bishinzwe demokrasi, uburenganzira bwa muntu n-akazi mu bushikiranganji bw-imigenderanire ya Amerika idondagura igisata ku kindi ingene agateka ka zina muntu kahungabanijwe,  cane cane n-abari bajejwe kukubahiriza mu Burundi  mu mwaka w-2020U.S. Flag Code | Military.com

Ico cegeranyo gitangura kivuga abantu bishwe, abanyurujwe bakaburirwa irengero, abafungiwe ubusa, abangajwe n-ababorejwe igufa. Iyo raporo ivuga ko amashirahamwe yigenga yaharuye abantu barenga 200 bishwe gushika mu kwezi kw-icenda ku mwaka uheze. Nka bose bishwe n-abatavuga rumwe na Leta, abaharanira agateka kazina n-abandi boba bagerageza kuvuga ibitagenda neza.

Leta zunzubumwe za amerika  iranavuga kandi ko abantu barenga 100 baranyurujwe baburwa irengero hamwe n-ibiziga vy-abantu vyagiye biratorwa hirya no hino mu gihugu.

Ico gisata ca Amerika ntikirya umunwa mu kudomako urutoke abari inyuma y-iryo hungabanya  ry-agateka ka zina muntu aho kimenyesha ko abari mu nzego z-umutekano  nk-abapolisi,abasirikare,  abagize urwego rw-iperereza hamwe n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD FDD uri  k-ubutegetsi bafisemwo uruhara runini .

Ikindi kiri mw-iyo  raporo , n-uko ivuga amazina y-abasirikare n-abapolisi b-intwazangabo bamwe bamwe bakekwa muri ayo mabi.