Mw-ikete ishirahamwe CBDH VICAR riharanira agateka k-impunzi z-abarundi zahungiye mu bihugu vy-akarere ryandikiye umukuru w-igihugu mushasha wa Tanzaniya ryamumenyesheje ko yogira ibishoboka vyose akagarukira agateka k-impunzi z-abarundi zahungiye mw-ico gihugu.
Mw-urwo rwandiko, Leopold Sharangabo arongoye CBDH VICAR yerekanye amabi impunzi z-abarundi zidasiba gukorerwa aha yerekanye ko k-ubutegetsi bw-umuhisi Magufuli bwagizemwo uruhara runini cane mukuhonyanga amategeko mpuzamakungu agenga impunzi nko mukuziburabuza zitewe ubwoba ngo zisubire iyo zavuye kandi zitavyiyumvamwo n-agatoyi, harimwo izirenga 50 atawuzi irengero ryazo, hari izicirwa mu makambi, hari nizanyurujwe zija gufungirwa m-ubusho bw-uburundi bikozwe n-abamwe bo mw-iperereza ry-uburundi.
Mukusozera, CBDH VICAR isaba ishimitse ko Ubutegetsi bw-umupfasoni Samia bwogira ico buhinduye kw-iryo honyangwa ry-agateka k-impunzi ryakozwe k-ubutegetsi bw-umuhisi Magufuli eka hakanakorwa amatohoza y-igenga kw-ayo mabi yakorewe impunzi.