Abantu 9 barapfuye baguweko n’umusozi.

1

Abantu 9 barapfuye baguweko n’umusozi bariko bimba ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan mu buraruko bw’Uburundi mu ntara ya Kayanza.

Amakuru akavuga ko iryo bara ryaguye ku musi wa gatanu mu gace ka Kabarore.

Amakuru yashikiriye AFP akamenyesha ko bane mu bashikiwe niyo sanganya bari mu mimerere mibi cane bakaba barakomeretse, bakaba batwawe ku bitaro.

Abanyagihugu, abategetsi hamwe n’igipolisi bakabaka baragize ibikorwa vyo kurokora gushika ku musi wa gatandatu.

Nk’uko AFP ibishira ahabona, ako gace kateje iyo sanaganya ‘kamaze hafi imisi indwi kariko karwamwo imvura nyinshi’.

Amasanganya nkayo arakunze kuba mu Burundi, nka Muyinga nahandi naho bidakunzwe gushirwa ahabona cane.

1 COMMENT

  1. Pokerstars has a “poker school”, maybe that could be a start.
    It teaches you the basics of the game. Type zeros poker and
    check his last article about how to play pre flop

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here