Abafaransa bane bafatiwe I Bujumbura ‘nta caha bakoze ku butaka bw’Uburundi’.

0

Uwuburanira abafaransa bane bafatiwe ku butaka bw’Uburundi mugisagara ca Bujumbura, fabien Segatwa, yamenyesheje AFP ko abo bagirizwa bava mu gihugu c’Ubufaransa ‘ata caha na kimwe bakoze ku butaka bw’Uburundi’.

Iyo dosiye yatumye abo Bafaransa bafungwa mu Burundi ikaba irimwo abategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu gihugu. Abafashwe harimwo abo bafaransa bane hamwe n’umwe mu bakora mw’igendereza ry’Iburundi, Donatien Ndayishimiye.

Abihweza ibintu n’ibindi baramaze kubona ko iyo dossiye ishobora gufatwa nka “Panama papers” , ama dossiye yashize ahabona uko abategetsi mw’isi banyurururije ubutunzi bw’ibihugu batwara mu kubitsa amafaranga mu makungu kandi abanyagihugu babo bariko baricwa na kigoyi.

Kubw’uwubaburanira abo bafashwe bagirizwa ‘kwiba hakoreshejwe ikinyoma'(Escroquerie) ,bari baje mu Burundi mu bijanye no gushinga ishirahamwe rijanye n’ivyo gutuma tumanako amakuru, maze rijamwo abategetsi ba leta harimwo n’abegereye umukuru w’igihugu,nk’uko AFP ibimenyesha.

Bikaba vyiyumvirwa ko abategetsi bo muri leta y’i Bujumbura boba aribo bariko bacanamwo bivanye n’uko inyungu iva muri iryo shirahamwe ryashinzwe mu mwaka wa 2015 zitariko zisangirwa na bose.