umukuru w’inama nshingamateka GĂ©lase NDABIRABE ko ariko yiha amenyo yabatwenzi.

Bigoye bikiriko, none CNDD-FDD ivuga ko ikunda abanegihugu,ko abaporona bakirya bacicayeko mbere baha abari mu miryango yabo, none CNDD-FDD itaniye hehe na Porona ?
NDABIRABE ati natanzwe umugore twavyaranye imfura reka ndamuhembe ndamwiyegereze,azoze arandabira ibijanye n’ubuzima bwanje,amahera akoreshwa kugira mbeho buri munsi atangwa n’inama nshingamateka. Abandi bati teshwa ute. NDABIRABE ati basi reka abe umuhanuzi wanje,abandi bati wanguha.
Vyanse gose ati reka nsabe umukuru w’igihugu amumpere mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu atware abakozi Bose ,icoco kiba kirabaye.
NDABIRABE ati uwuzoraba uko mbayeho Ku munsi Ku munsi reka abe umwana wanje . Naho ataramara amashure. Ico ntawuryogora kandi kiba kirabaye.
Jewe ikintangaza ni kimwe nk’ubu bafata abantu ngo ntaco bakora i Bujumbura, ngo nta mahera ahari,ngo abagenda gupagasa bahunga akazi,ariko akaboneka bakirundarundako bobo nababo. Igihugu mugabo ngo kizotera imbere. Uwo NDABIRABE uravye ukuntu atuka abashikiranganji wogira niwe azotwara wenyene Inama nshingamateka ubwanyuma.
Harageze ko abarundi baca urwevu bakanka akagwi kaba NDABIRABE.





Recent Comments