Umugambwe CNDD-FDD waratoye umukenyuro wundi,uwuziko wese avuga menshi, afise inguvu, abatari bake bemera gukorana na CNDD-FDD canke bagapfa vyanse bagahunga igihugu bagata bakomoka.
Umuntu yobajije amajambo umukuru wa Olucom ashikiriza ,wovuze uti abarundi bagiye gukira ko Hari abagisemerera. Mugabo ng’uyo Rufyiri yabanje gukora birashimwa ariko igihe CNDD-FDD iboneye ko amakungu yumva cane Abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, CNDD-FDD Ku ntwaro ya NDAYISHIMIYE yiyegereje abosesa agatabi.
Ivyo vyose vyakorwa ngo NDAYISHIMIYE amakungu akunde amushigikire yerekane ko atandukanye n’intwaro ya Nkurunziza..kubishikako yategerezwa gutora bamwe bakunze kuvuga amabi y’ubutunzi bwa CNDD-FDD.
Twibukanye Rufyiri Yari mubahunze bazira ko biyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Ubuhungiro buraryana siwe yabonye araronse ikiraka co gukorana na NDAYISHIMIYE, emwe aca aba mbangamatwi wa NDAYISHIMIYE uwundi nawe yorosha ko Rufyiri yotaha nawe agakingirwa akama avuga vyitwa ko ariko arakeburaYeremerewe kuzoza avuga zamvugo zerekana ko umenga arakosora leta ariko muri make kwari canke ni guhuma amaso amakungu.
Uwo Rufyiri ubu ni umwe aninahaza umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE mbere aho ari muri bamwe banditse ivyiza vya NDAYISHIMIYE. Rufyiri yariketswe nabo bari bacuditse mu mashirahamwe bamucira umukenke. Ni Rufyiri mbere ejo bundi yemeye kuzitwarira leta kubera guhonyanga amategeko ariko ata n’iminsi ibiri ni Rufyiri yabonetse Ku kibuga c’umupira wa maguru ariko agurisha igitabo cerekana ubutore bwa Evariste NDAYISHIMIYE.
Kwinyegeza vyaranse ko nabo bamusaba gukora ibikorwa biboneka ko atoguma mugifuri. Uwokumva akarimi ka Rufyiri umuntu yokwibaza ko igihugu kigiye kuronka abagabo b’ijunja n’ijambo.ukuri ko uwo Rufyiri ni wa wundi n’izosi ry’umuntu yorikwega akarita kubera inda ndende yiwe .Abarundi ubu baraciye ubwenge barakureka ukavuga mugabo barazi umwonga uhuma n’uwudahuma.





Recent Comments