UBM News ads

Inama nshingamateka ihaye ubusa Evariste NDAYISHIMIYE kuvyo yaranguye kuva yagashika Ku ntwaro

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inama Nshingamateka Ku munsi wa kane igenekerezo rya 28 Rusama 2026 yarashize ahabona icigeranyo Abashingamateka bakoze aho bashitse mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi

Intambamyi nkuru nkuru zibonekeje mu ntara zose zikaba ari izi zikurikira:

– kutaronka umwavu ukwiye kandi ku gihe;
– ikena ry’imiti;
– ikena ry’abaganga n’abigisha;
– kudaca imanza ku gihe canke guca imanza nabi;
– ikena ry’ibikoresho mu mashure;
– amabarabara atameze neza hamwe hamwe mu gihugu;
– ikena ry’ibitoro rituma ibiciro biduga;
– ikena ry’umuyagankuba;
– ibiro vy’amazone bitaheze kwubakwa;
– ikena ry’amazi meza.

Ku munsi wa kane Umukuru w’igihugu mu masengesho nawe yabwiye abarundi baba CNDD-FDD mu mugenzo wabo bita amasengesho ko igihugu gitagase kira noneho avuga ko igihugu cateye imbere ciyubaka kuva agiye kuntwaro.

Inama nshingamateka yaraye iriye umutima amenyo, uravuga,ushira ahabona ivyo abantu birirwa bavuga haba mu BURUNDI canke mu makungu. NDAYISHIMIYE Evariste biboneka ko intwaro yiwe mu butunzi ifise amanota make cane. Ca gikoko ciravye mu cirore kiti ndimwiza ndimwiza, ikindi giti agatima ariko, Evariste NDAYISHIMIYE ati igihugu kiriko gitera imbere kuva inje Ku ntwaro, Gélase ati urahumba. Ego ntakizokorwa mugabo abarundi bazofata iyi tariki nk’itariki ntibagirana yaho amagorwa yemejwe n’urwego rubifitiye uburenganzira ntibazovuga ko ari twebwe turi abansi b’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments