UBM News ads

Senegal itanze icigwa ca politike

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Senegal itanze icigwa ca politike, umukuru w’igihugu yirukanye umushikiranganji wa mbere, aho yaraziko amushoboye ko umushikiranganji wa mbere vyaboneka ko afise inguvu gusumba umukuru w’igihugu kanatsinda niwe yamushizeho bivanye ni ntwaro ya Macky Sall yari yamupfunze amategeko akaba yaramukumira kwitoza Ku ntebe y’umukuru w’igihugi

Sonko si umunyepolitike asanzwe,amaze kuhashira uwundi Ku ntebe bose barabona ko bizogorana ko babana nka kumwe kwa BUNYONIna NDAYISHIMIYE.

Umukuru w’igihugu yarazi ko yikuye umwansi kw’izosi. Ejo umukuru w’inama nshingamateka ya senegal yatanze imihoho kugira bishoboke ko Sonko yirukanywe n’umukuru w’igihugu Diomaye , ashobore kwitoreza kuba umukuru w’inama nshingamateka.

Muti gute ? Sonko Yari yitoreje kuba umushingamateka, yaratowe ariko aza gutanga imihoho ko yarabaye umushikiranganji wa mbere. Amategeko aremera ko asaba gusubira mu kibanza ciwe c’inama nshingamateka mu gihe atakiri muri leta .

Nariko niyumvira, Gélase yokwemera gutanga imihoho kugira nk’ubu Bunyoni canke uwundi yaba ari mu Burundi ace yotoreza ikibanza c’umukuru w’inama nshingamateka ? Canke amategeko avyemera ? Ko Gélase niwe nyene yatoje itegeko rikura Bunyoni, yaba Bunyoni yemerewe kuja mu nama nshingamateka Gélase Yari gutanga imihoho kugira Bunyoni ahangane na NDAYISHIMIYE ?

Sonko agiye guhangana n’abashikiranganji ba Diomaye. Itegeko ryose ritorwa ni nama nshingamateka rizogorana ko rirengana cane cane ko bose bava mu mugambwe umwe Pastef.

Demokarasi,ubwenge ahandi Nico civugo gusumba ingimba. Iki cigwa iwacu ntaco kimaze ko iwacu uwuhageze aharanira inyungu ziwe gusumba izamugenzi we.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments