Igihugu ntikizotezwa imbere nyamasengesho CNDD-FDD yamamwo, igihugu gitezwa imbere n’imigambi itomoye kandi irashe. Ibindi bihugu biri Ku muvuduko w’iterambere aho uburundi Ku muvuduko wa masengesho.

Kuva umwaka wa gatangura Uburundi bumaze guhomba iminsi irenga 20 y’ibintu bitagira ikimazi Ku gihugu. Uburuhuko butandukanye, amasengesho CNDD-FDD itunganya n’ibindi.
Abandi mu karere barakweze ingenzi zikwiye,muri Kenya bakiriye abakuru b’ibihugu 30 muri Afrika Forward,mu Rwanda bakiriye amaleta arenga 70 muri Afrika CEO Forum, Uburundi bwatunganije amasengesho menshi . Igitangaje Ruto ni umuntu azwi ko akunda Imana agasenga,mugabo arafise umwanya wakazi ariko ntaguma muri Bibiliya. Iterambere ntiriza riva hejuru ngo ritibuke, iterambere rirategurwa,iterambere riraronderwa. Kenya ni igihugu cifashe,Kenya barazi iyo bava niyo baja.
Uburundi bufise imbonakazoza mugabo ntibazi ibikenewe ngo bashike iyo baja. Umukuru w’igihugu yirabirako abonye iwe bitunganye avyitirira igihugu , ninayompamvu nabandi bose bavuga ko ari imbonakazoza ya NDAYISHIMIYE si iy’uburundi.
Uburundi bupfa hose ,uhereye kuri NDAYISHIMIYE ntiyemera ivyakozwe na Nkurunziza ko ubu ageze naho avuga ko igihugu gitanguye kubaho ariwe atwara ahandi abandi batatwara. NDAYISHIMIYE ariko asambura n’ibyabamutanguriye bubatse. Iki cerekana ko n’abandi nibaza bazohera kuri ya mbonakazoza yiwe basambure. Tuzama mugihugu kutagira iyo kiva niyo kija.
Wa wundi ngo abahigi benshi bayobeza imbwa,gw’ivyo NDAYISHIMIYE na CNDD-FDD nivyo nariko bakora. Bakwira igihugu cose bahenda abantu mugabo abarundi baraciye akenge babahenda ko babakunda mugabo batabakunda.
Ni ryari igihugu nk’uburundi naco kizakira inama zikomeye ziterambere zidaherera mu nama nyabuna zizoja mu ngiro ? Ni ryari abarundi bazobona umutware abitaho atabaratira ivyo yariye canke ivyo atunze abandi batubitse uwavubi ? Uko biri wa wundi ngo umwanya ni umucamanza mukuru ,igihe kizobitubwira aho bajana igihugu ningero bazohabwa





Recent Comments