Evariste NDAYISHIMIYE umukandida wa CNDD-FDD arakurira inkoni Ku gishitsi abarundi n’amakungu ko Rwasa atemerewe kwitoza.ku bwiwe Rwasa itegeko ntirimwemerera kwitoza Ku giti ciwe ko nta myaka ibiri amaze avuye mu mugambwe CNL.ku bwiwe ngo Rwasa afitaniye ingorane na CNL kugira yitoze nuko ari CNL yoba imurungitse.

Muri UBMNews mu nkuru twaheruka kubashikiriza muribuka ko twaberetse ukungene CENI BURUNDI iriko itegura amatora iravye ingero ya NDAYISHIMIYE. Ibintu vyose haba mu mategeko haba mu ngiro bazana ibintu bituma NDAYISHIMIYE yoba umukandida umwe rudende atawundi bahiganwa.
NDAYISHIMIYE gushika niyi saha aratangara ukuntu yagerageje be na Reveriyano kuzimya Agathon Rwasa ariko bikanka. Aha rero ubu ntibacihisha baragera aho bavuga bati nta mugambwe myinshi ikenewe, nta matora akenewe. Abahinga mu vya politike baragereranya CNDD-FDD na Uprona ya Nicolas Mayugi yo mu 1990 aho yavuga ko intwaro rusangi arinziza ariko hataragera mu Burundi ko hoba umugambwe uza gusita Uprona. Ico gihe Uprona yafata abarundi nka karima kayo.
Abantu bose barahanura CNDD-FDD ko yoreka ububegito cane cane bwo gutoteza abarundi babamenyesha ko ibihe bizoca urubanza ibintu barundarunda canke amabi bakora yose hazogera igihe bayabazwa.





Recent Comments