Amakuru ikinyamakuru UBM News iriko iraronka ni igifungo Kiri mwicukurwa ry’inzahabu bihagarariwe ni kigo Paeej. Ico kigo Paeej cashinzwe kugira kize gufasha urwaruka mu kwitunganiriza imigambi,ico kigo gitwarirwa mu biro vy’umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE. Ikigo carangiye giha ingorane urwaruka ruri hagati y’imyaka 18-35. Ico kigo carabayeho umwanya atari muto kiriko kirakora ariko bisanga urwaruka rutari ruke rwarahomvye imitahe baruhaye ntigishobora kuboneka,guco ikigo casa nicahomvye.

Ngo aho wabucura nari munsi y’urujo, umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE ati reka ndaciyegereze mbere ahubwo ngireko ndagiha amabanga akomeye. Ikigo Paeej ngw’ico gihawe uruhusha rwo gucukura ubutare. Paeej ntanka haca haba umugambi wo kwegeranya urwaruka baca barusaba amakarangamuntu. Urwaruka rwegeranijwe igihugu cose. Yamakarangamuntu yakoreshejwe kuja gushinga amakoperative acukura ubutare. Urwaruka rukivyumva rwaratamvye ruratarika baziko bagiye kubukura mu cibo.
Amakoperative arashinzwe aruguruwe vyitwa ko ari ayugwaruka, ariko koperative yose mw’ikomine ikagira uwuyiserukira, hakaba n’inzindi ndongozi nk’abo mubuhinga geology, abize ivy’ubutunzi hamwe n’uwuserukira Paeej muri komine.Abanywanyi ba koperative nibo bimba ibinombwe. Aba rero usanga ari bamwe bahoze bimba ibirombwe vy’amasosiyete yahoze acukura. Ivyo birombwe bicunzwe n’igipolisi gicungera inzego.
Ibirombwe birimbwe, uwujejwe ubutunzi muri koperative niwe aharura ibisohotse canke ivyakoze ni kuvuga ko koperative niyo iha leta ivyo bacukuye Ku kwezi Ku ukwezi, bakaca babijana mububiko bunini buri ahahoze Verrundi mu gisagara ca Bujumbura. Abo bakozi nako abanywanyi ba koperative rero bimba ibirombwe umwe wese ahabwa ico bita vansi y’ibihumbi mirongo itanu Ku ndwi ,yabwiwe ko azosubiza. Amahera yose akora muri iryo cukurwa ava mu kigo Paeej.
Amakenga ahera hehe none? Uri muri koperative rero birasaba ko umenya ivyinjiye nivyasohotse,mbega isoko ni irihe canke uwaguze Ku giciro yatuguriyeko ni ikihe? Bimeze gute ? None koperative imaze kwinjiza angahe ? Ico kibazo kiracari ikinyegezwa ko uwushora ni leta y’uburundi mugabo nabo muri leta ntibazi amahera bigurishwako ko biracari ibanga ryababiherekeza mu buryo ubu canke Buriya.
Izo nzahabu canke ubutare bicukurwa mu Matongo y’abantu mugabo Abo bantu nta muzibukiro baroronka Nko mu gihugu cose ,uwuvuze wese bamubwira ko arivy’umukuru w’igihugu. Hari ikigo kijejwe ivyo ivyagataka n’ibidukikije citwa OBM ubu ntajambo gifise ko ivyo vy’ubutare biri mu minwe ya Paeej.
Guhonyanga amategeko kwategerezwa gutuma inama nshingamateka ihaguruka. Umukuru w’igihugu abicishije mu kigo Paeej ariko arakora urucuruza rw’ubutare aho agishika yabanje gufuta ingingo zose Nkurunziza Yari yarafashe kuvy’ubutare. Yamaze igihe ataratora umuti mwiza wo kwinjira aho hantu . Niko kwiyumvira Paeej ko yoja no mu Butare. Amategeko aba aratanguye guhonyangwa. Paeej amategeko ntayemerera gucukuza ubutare paeej isa niyasubiriye ubushikiranganji bw’ubutare.
Mugabo Varisito NDAYISHIMIYE mu Buhinga bwinshi yabanje gufata umukozi Azi ivya Paeej cane aba ariwe aha ubushikiranganji bw’ubutare ariwe Kibeya ngo azoheze akorane na Désiré atwara Paeej hanyuma bazomuhe impinyanyuro nziza yo kurya neza ivy’ubutare.Aha rero birumvikana ko igifungu ari cinshi mu guhera Ku ma koperative acukura ubutare yashinzwe abari muriyo bitwa ko aribo bagurishije bahenzwe, haba no kubiha ikigo kitari kuba arico kibijejwe bikwakwa ubushikiranganji bubijejwe ariko abaharwa ni abakozi nayo umushikiranganji we yaje afise ikimuzanye.
Mbega none Evariste NDAYISHIMIYE igihe atari iki ,abantu bakurwa mu matongo kubera ubutare atanshumbusho ,abana b’igihugu bahenzwe ko aribo bene amakoperative,igihe bazosanga ya ngurane ibihumbi mirongo 50 ariyo kari agahembo,
Ubwo be nabo bantu batwara Paeej bazoronka inyishu ? Igifungu ni cinshi ko ntawuzi mwene koperative wukuri ,mbega ko ari ngurane Ugo rwaruka Ayo mahera babahaye bazogera aho bayasubiza canke niyo mpembo ?
Kiretse kwambura umweranda Petero ukambika Paul , NDAYISHIMIYE arafise dosiye nini azobazwa kandi si na nkeya reka tubihe umwanya gusa





Recent Comments