Muvyo CENI BURUNDI yaraye ishikirije abarundi n’amakungu ni Nko kumenyesha kare ko itorwa ry’umukandinda wa CNDD-FDD Evariste NDAYISHIMIYE vyarangiye. Impamvu ni nyinshi cane zivyereka wihweje ikirangaminsi yaraye ishoye CENI Burundi.Niho abarundi bahera bavuga bati ntaguta umwanya n’uburyo CENI BURUNDI yarikwiye Ku mutangaza kare.

Ikirangaminsi CENI BURUNDI yaraye ishize ahabona biboneka ko amatora yamaze kurangira irazi ibizovamwo. CENI Burundi irazi neza ko Hari umuntu umwe azorenza ibice 50 kw’ijana navyo bituma atakiringo cakabiri kizobaho. Ibwirizwa shingiro rivuga ko mu gihe habuze n’umwe akwiza ibice mirongo itanu kw’ijana mu gice ca mbere haca haba igice ca kabiri. Mu kirangaminsi CENI yo ico gice cakabiri ntaco yategekanije bisigura ko izi ibizovamwo n’amanota yamaze kuyamenya.
Ikindi naco muri Munyonyo uburundi ntibuzoba bufise umukuru w’igihugu ko uwuhari azoba ariko arangura amabanga abayabaye. Ibwirizwa shingiro rivuga ko igice umukuru w’igihugu atanze ibimuranga ngo yitoze aca atakaza ububasha bumwe bumwe umukuru w’igihugu ahabwa n’ibwirizwa shingiro.
Umukuru w’igihugu azorahira itariki 18/6/2027 neza na neza aho ikiringo ca varisito NDAYISHIMIYE kizoba kirangiye atiko nyene Niki ni cerekana ko bafatiye kuriwe aho azomara amezi 7 Hari ingingo atofata. Azoba afise akanyota ko gukura kugena abantu no gufata ingingo zindi .
CENI BURUNDI rero ikiranga minsi cayo caranzwe no kubona ko NDAYISHIMIYE ariwe bacubatse baravye ibimufasha gusa kandi baziko ariwe azoyatsinda. Ntawotangara atsinze kuri 99% kw’ijana aho no mu mugambwe iwe atoronka ibice mirongo itanu. NDAYISHIMIYE rero nk’uko abivuga ko atamatora akenewe Prosper Ntahorwamiye yaraye asavye miliyaridi 115 benshi bati Ayo mahera ubwo ntayo yoreka konona akazokora ibindi.
Abandi bati ni uwundi mukenyuro wa masoko NDAYISHIMIYE na Prosper bashaka kwirira amahera ngo bayakoresheje mu matora.Ejo bundi NDAYISHIMIYE yavuzeko hakenewe miliyalidi 80 ,benshi bati izo miliyaridi 35 nizo bamutegetse kongerako baronke Ayo batwara.
Rero ico kirangaminsi ntawe gihumuriza kiretse ko Hari n’abanyepolitike baraye basohotse ahariko habera ibiganiro na CENI kubera CENI yanse ko bavuga ivyagenze nabi guco babitegurireko bikosowe. CENI BURUNDI yishuye ko bokwitwara ariko atanubutungane bazoronka ko n’abacamanza ntibatahura kumwe imanza . Aya matora atari guheza ibwirizwa ntaco abarundi bokwitega kuriyo





Recent Comments