Karasira Aimable ni umunyarwanda yahoze yigisha muri za kaminuza ,yamenyekanye Ku mbuga aho yavuga kubibazo vya Jenoside. Kubera yerekanye amabi leta yakoze nayo ya RPF Inkotanyi ntivyigeze bibarwa neza na gato aho leta yamwagiriza ko Ariko abiba amacakubiri mu banyarwanda. Bahisemwo kumushira mu mvuto

Mu gihe co kuburana abamwunganira barageraje gusaba ko yo burana yidegemvya canke ko afise ingwara yo mu mutwe ,leta ntiyigeze ivyimva. Baramukariye igifungo c’imyaka itanu cari carangiye itariki 5 z’uku kwezi kwa gatanu 2026. Abiwe bariko bitegura kuja Ku musanganira ariko leta isohoye itangazo biciye mu nzego zibijejwe ko karasira Aimable yitavye Imana kubera kunywa imiti myinshi irengeje igipimo yingwara yarasanzwe agendana.
Ni inkuru itakiriwe neza n’abantu aho biyumvira bati ubwambere leta ntiyemera ko arwaye ariko ubu bavuga ko yarafise ingwara yahora agendana bati none ubu mu Rwanda upfunzwe utiyahuye n’umugozi wiyahuza imiti ? Aha haca haza ikibazo kimwe ca Kizoto Mihigo aho leta nyene yavuze ko yiyahuye.Amakenga ni menshi kuri izo mpfu zabantu bataba bavuga ibintu leta ya KAGAME ishaka .





Recent Comments