Inyuma y’ibirwanisho vyahiye mw’ikambi yagisirikare, umuvugizi wa Gisirikare agaheza akanyarutsa guhumuriza,bukeye akaremesha ibiganiro Ku banditsi n’abamenyesha makuru, ibiganiro umukuru w’igihugu yaraye atanze caraye gitumye benshi bibaza kuvyoba biriko biba mu gihugu c’uburundi.

Mu nzego za leta harimwo nka gisirikare ziramenyereye canke ziramenyerewe mu gutanga amakuru atandukanye n’ukuri. Imvo zibitera ni nyinshi ,kugira ntibace ivutu abantu,bace inguvu umwansi canke Ku mvo z’umutekano w’igihugu.Mu Burundi rero ivyo biramenyerewe no mu bindi bihugu ko haba guhuguza canke kubesha.Baratuza ni umuhinga muri ivyo uburundi bufise. Amashule yarayize arayanonosora akora ico Azi.
BARATUZA ni umuvugizi w’urwego rukomeye. Umuvugizi mukuvuga asaba uruhusha,yavuze ibintu urwego rutamutumye arahanwa kandi urwego rukamwihakana Ku mugaragaro. BARATUZA atwarirwa mu biro bikuru vya gisirikare navyo bitwagwa na general Prime.
BARATUZA ntarahanwa ntariyamirizwa n’urwego akorera,ariko umukuru w’igihugu,yaraye yiyamirije ivyo ibiro bikuru vya gisirikare vyabwiye abamenyeshemakuru n’abarundi muri rusangi. Ugiye kuraba umunsi ikiganiro catangwiweko si igihe gisanzwe. Indwi imwe ngo habe ikoraniro kaminuza ryogutora umukandida wa CNDD-FDD. Umukuru w’igihugu yumvikanye avuga yihaya ko yasanze igihugu kimeze ko yagihinduye.
Ibi uwovyumva yogira n’ibintu yavuze uko giturumbuka, hibambewe umukuru w’igihugu yari yabiharuye Ku munsi no Ku munota. Yaga ni ikinyamakuru gikurikiranwa cane n’urwaruka, ubutumwa buciyeko bugera kure gusumba ni radiyo y’igihugu.
Mu gutangaza ko ibiro bikuru vy’agisirikare biciye Ku muvugizi ntiyihenze,benshi babonye ko ariko yerekana ko n’abamwagiriza ko muri Congo hoba Hari ingorane z’abasoda buburundi canke igitigiri c’abasirikare baheba akazi ari kinini, ko bitava kuriwe ahubwo biva kubuyobozi bwa Prime budashoboye. Ejo canke ejo bundi Prime niwe ashobora kwegekwako uko inzego zidakora neza gurtyo agakurwa narirya benshi ikibanza ciwe bagishaka.
Ikiganiro carimwo umukenyuro ukomeye mu gihe buca haba ikoraniro i Gitega. Wa wundi ngo abanka ikiringo 2 bahejeje kwinjizwa igitsindo ubu n’abafata ingingo muri za zengo za gipolisi na gisirikare, NEVA arahejeje kubaha igitsindo c’umutwe. Burakeye tubirabe ariko ukuri ko kuri mw’ikoraniro kaminuza buca riba.
.





Recent Comments