UBM News ads

Nta bwigenge kubimenyeshamakuru mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

EspĂ©rance Ndayizeye arongoye urwego rw’igihugu rujejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru bikora’CNC’ yanse ko hatunganywa urunani rw’ama radio n’ibimenyeshamakuru kukibazo c’ibura ry’igitoro mu Gihugu.

EspĂ©rance Ndayizeye ati:”nta gishasha muzanye rondera ibindi muvuga”.

Mu gihe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 myandagaro 2025 hari hategekanaijwe urunani rw’ama radio kukibazo kimwe rukumbi”ikena ry’igitoro n’inkwirikizi ryaco”,muri CNC ikigo kijejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru n’ama radio bikora mu Burundi baranse ico kiganiro ko gitunganywa.

“Nta gishasha muzanye,murondere ibindi muvuga” iyi niyo nyishu Esperance Ndayizeye atwara CNC yahaye ama radio n’ibimenyeshamakuru vyagomba gukora ikiganiro kidasanzwe kw’ikena ry’igitoro.

Amwe mu maradio ni:Radio Bonesha FM,Rema FM,Shima FM,Radio tĂ©lĂ©vision Isanganiro,ikimenyeshamakuru iwacu na Jimbere magazine nkuko vyaraye bitangajwe n’ikimenyeshamakuru iwacu kimwe muvyari bihurikiye muri uru runani.

Kuwa 13 myandagaro 2025,Uwo arongoye ikigo CNC yatangaje ko botanga bishasha muvyo bazovugirayo bitandukanye n’ivyaheruka kuvurwa.”n’ibiki bishasha birimwo?”Yabandanije abamenyesha kurindira kwemererwa na CNC imbere yuko batunganya uwo runani rw’ama radio n’ibimenyeshamakuru kugira ntihabeho gutangaza ibintu bidakenewe.

Kuwa 13 myandagaro 2025,Esperance Ndayizeye yaciye abankira burundu abamenyesha muri CNC basanze urwo runani rw’ama radio n’ibimenyeshamakuru kukibazo c’ibitoro rudakenewe.

Aha yavuga ko iki kibazo cama cavuzwe mu bimenyeshamakueru kenshi ariko nta gishasha kirimwo.

ibi bikaba bije kwerekana kandi ko mu burundi ata bwigenge mw’itangazamakuru rihari aho abatwara igihugu badashaka ko havurwa ivyo bita gucafuza igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments