Umunyepolike akomeye muri Tanzania atavuga rumwe n’ubutegetsi Tundu Lissu , nyuma yaho afingiwe yagirizwa icaha co guhemukira igihugu, ejo yabwiye sentare ko ivyabona vyiwe ko harimwo abategetsi bakuru b’igihugu , nk’Umukuru w’igihugu ca Tanzania , Samia Suluhu Hassan, Icegera c’Umukuru w’igihugu Philip Mpango, hamwe n’Umushikiranganji wa mbere Kassim Majaliwa “ Umucamanza Franco Kiswaga yavuze ko ata bushobozi afise bwo guhamagara abo bategetsi ngo baze kubazwa muri sentare mu rubanza rwa committal proceedings (intambwe y’imbere y’urubanza )

Uwo mucamanza yamenyesheje ko mu gihe Lissu yoba yipfuza ko abo bategetsi baza nkivyabona , ngo agiye gusaba uruhusha rwihariye rwa sentare nkuru , kuko sentare yo hasi ngo ntabubasha bafise bwo guhamagara abategetsi bo ku rwego rwo hejuru ngo baze kubazwa ibibazo muri sentare
Ko Leta ya Tanzania ariyo imwagiriza ivyaha bikomeye vyo kugambanira no kuba umwansi w’igihugu , ubu nawe Tundu Lissu akaba yabasavye ko boza mu bucamanza nkivyabona ( witness ) ese bazokwitaba? Canke bazosuzugura sentare yico gihugu?





Recent Comments