Impunzi z’abarundi ziba mu nkambi ya nduta ntizorohewe, abanyagihugu babiri b’Abarundi baranyurujwe hagati mu nkambi n’imodoka y’igiporisi ca Tanzaniya, hanyuma haciye indwi zibiri basanga bapfuye bari muburuhukiro bwi bitaro vy’akarere ka Kibondo, mu ntara ya Kigoma, mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzaniya, aho inkambi y’impunzi ya Nduta iri. Hariko harakwira ubwoba mu bahungiye muri iyo nkambi.

Abarundi banyurujwe hanyuma haciye imisi bagasanga bishwe ni Célestin, afise imyaka igera kuri 38, uno yanyurujwe mu ntango z’ukwezi ku munani igihe yari iwe muri Zone 14. Umunyagihugu mugenzi we, Syldie, afise imyaka igera kuri 28, na we nyene yarafashwe mu buryo busa aho bamusanze muri Village 1, nayo nyene iri muri Zone 14.
Umwe mu muryango wabo yagize ati : Turazi ico bariko barakora. Aba polisi ba Tanzania baza bambaye imyambaro isanzwe, bitwaje ibirwanisho, bagafata uwo bashatse wese hanyuma bagaca bagenda bamujanye, Turazi yuko imiryango yacu yajanywe ahantu h’inyegereje kugira bakorerwe ihohotegwa.





Recent Comments