Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo aremeza ko umugambwe CNDD-FDD wamaze gutahukana intsinzi mu matora yo kuwa 5 ruheshi 2025
Reveriyano agira:”gutsinda twaratsinze,biboneka ko tuzoshikana 90% ariko CENI niyo isigaye kubitangaza”.

Mu kuganiro n’abamenyeshamakuru ku ngoro nkuru y’umugambwe CNDD-FDD,umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo yemeje ko ibiharuro gushika ubu vyerekana ko Umugambwe CNDD-FDD uhagaze neza aho mbere yasavye abari aho kwikomera amashi.
Reveriyano Ndikuriyo yemeje ko umugambwe CNDD-FDD uzoshikana amajwi angana na 90% ariko avuga ko CENI ariyo izobitangaza.
Yagize ati:”gutsinda twaratsinze ariko CENI niyo izobitangaza,tuzoshikana 90%.”
Uwo arongoye umugambwe CNDD-FDD yemeza ko amatora yagenze neza cane mu gihugu cose.
Nkuko Reveriyano Ndikuriyo abivuga,mu mazu y’itora arenga 14000 mu gihugu cose yose yari afise inderetsi za CNDD-FDD zibiri zibiri mu kuraba ko amatora agenda neza.





Recent Comments