Imirwi ya politike 4 ikorera mu buhungiro ariyo:CFOR-Arusha,Cnared-giriteka,Map-Burundi buhire na CRN-ingeri ya rugamba basaba ko amatora y’abashingamateka n’abajenama ba komine afutwa yose hakaba ibiganiro nk’umuti ku bibazo uburundi burimwo nkuko Frédéric Bamvuginyumvira yaserukiye iyo mirwi yose abishikiriza.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’abarongoye imirwi 4 ya politike ikorera mu buhungiro yasavye ko amatora y’abashingamateka n’abajenama ba komine ahagarikwa maze hagatunganywa ibiganiro bidakumira bihurikiyemwo abarundi Bose.
Muri iryo tangazo,ishirahamwe ry’ibihugu vya Burayi,EAC,n’abafashije kugira amasezerano ya Arusha asinywe bisabwa gufasha kugira habe ibiganiro vyohuza abanyepolitike Bose n’abadaharanira ivyicaro vya politike n’abandi Bose bofasha kugira ibibazo biri mu gihugu bitorerwe umuti.
Iyo mirwi yose isaba amakungu ko yofasha kugira urubanza sentare ya Afrika y’ubuseruko yaciye rushirwa mu ngiro hari kw’igenekerezo rya 11.11.2021 mu rubanza rwerekeye ikiringo ca 3 c’umuhisi petero Nkurunziza aho yemeje ko kirya kiringo kitari gikurikije amategeko.
Impamvu rero iyo mirwi isaba ko amatora ahagarikwa hakaba ibiganiro ari kubera igihugu kiriko kiraca mu bihe bigoye muvyo ubutunzi na politike.
Muri iryo tangazo rikaba ryateweko umukono na chauvineau Murwengezo arongoye CRN-ingeri ya Rugamba,Dr Jean Minani arongoye CNared-Giriteka,Frédéric Bamvuginyumvura arongoye CFOR-Arusha na EMERY Igiraneza arongoye MAP-Burundi.
Kuwa Frédéric Bamvuginyumvira yaserukiye iyi mirwi yose avuga ko ayo matora ata nyishu yozana mu gihugu.





Recent Comments