Umunyepolitike Agathon Rwasa aremeza ko aya matora ari inkinamico ya CNDD-FDD ataco abarundi boyitegako kuko n’imigambwe yitabiriye aya matora nka yose iri mu kwaha kwa CNDD-FDD.
Rwasa yemeza ko 2020 umugambwe CNL wari watsinze amatora kuri 60%arico gituma CNDD-FDD yagerageje kumuburabuza ntagaruke muri aya matora ya 2025 kugutinya ko botsindwa.

Mu kiganiro cihariye n’ikimenyeshamakuru SOS MÉDIAS BURUNDI,umunyepolitike akaba yahora arongoye n’umugambwe CNL Agathon Rwasa yemeza ko aya matora ari inkinamico ya CNDD-FDD kandi ko ataco abarundi boyitegako.
Kubwa Agathon Rwasa uravye uko yateguwe uhereye kuri CENI,CEPI,CECI vyaragaragaye ko CNDD-FDD iri mubibanza nka vyose ibiheza bigatuma amatora adatanga umwizero.
Uwo munyepolitike abandanya kwemeza ko umugambwe yahora arongoye CNL wari watsinze amatora ya 2020 ku bice 60% arico gituma umugambwe CNDD-FDD wagerageje gusambura CNL kugira bikunde Rwasa Agathon abure ikibanza na kimwe ahagararamwo,maze sivyo gusa bongera kumukuru mu runani Burundi bwa Bose.
Kubwa Rwasa Agathon rero aya matora nta higanwa ribayemwo,kuko n’imigambwe yitwa ko yitabiriye aya matora nka yose iri mu kwaha kwa CNDD-FDD.
Umuti rero ku bibazo uburundi burimwo uyu musi,Rwasa Agathon asaba ko hoba inama rukokoma y’abarundi Bose yokwige ingene uburundi buva mu kaga burimwo.





Recent Comments