Umuririmvyi Nzeyimana Thomas azwi nka Mkombozi akaba ariko yitoza mu bashingamateka bigenga amenyesha ko abanywanyi biwe batanguye guhirwa buhongo mu ntara ya Bujumbura bazize ko bamushigikiye mu matora yo kuwa 5 ruheshi 2025
Mkombozi ati:” hako abana b’igihugu borara ntibuka kubera jewe nopfuma ndabivamwo”.

Mu kiganiro cihariye n’imboneshakure Isaac TV,umuririmvyi Nzeyimana Thomas azwi nka Mkombozi akaba kandi ariko yitoza mu bashingamateka bigenga mu ntara ya Bujumbura amenyesha ko kuva afashe ingingo yo kwitoza hatanguye uruhigi ku banywanyi biwe mu ntara ya Bujumbura.
MKOMBOZI avuga ko muri komine Gihanga na cibitoke abanywi biwe batanguye guterwa ubwoba mbere bamwe basigaye baturatura.n’inyuma yaho vyagaragaye ko afise abanywanyi batari bake bamushigikiye mu myiyamamazo yaraye irangiye kuwa gatandatu igenekerezo rya 31 rusama 2025.
Kubwa Mkombozi abona ko ibibazo uburundi burimwo vyari bikwiye gutorerwa inyushu biciye mu nzira y’amatora none impinga iracari ndende.
Uwo muririmvyi akavuga ko hako abana b’igihugu barara ntibuca,bagaseseka amaraso kubwiwe yopfuma abivamwo kuko ntaca azoba ahomvye.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 31 ruheshi 2025,prezida Ndayishimiye yari yavuzeko Mkombozi arinda cane kuko yemeye guheba imiliyoni 2 mu kwitoza kandi azi neza ko atazotsinda.
Iyi n’ingendo yagumye iranga umugambwe CNDD-FDD wo gutera ubwoba abo bihiganwa kugira bukunde biharize urubuga rwa politike nkuko vyagiye bigaragarira mu migambwe myishi mu Burundi.
Aya matora biragoye kuvuga ko hari ico abarundi boyitegako kuko uko yatunganijwe uhereye ku mirwi yose iyategura biraboneka ko ari ayo umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD uterekwa uva kubutegetsi nkuko bakunze kubigaragaza ko bazotwara gushika Yezu Christu agatutse.





Recent Comments