UBM News ads

CNDD-FDD ntarugamba yatsinze,habaye ibiganiro-Rwasa Agathon

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Rwasa Agathon avuga ko CNDD-FDD itigeze itsinda urugamba iyataba ibiganiro,kubwivyo CNDD-FDD nitemera kuganira n’abayisaba ibiganiro kugira kugira haboneke umuti kubibazo uburundi burimwo izokwibuka kuyora yasheshe.

Umushingamateka Agathon Rwasa akaba yahora arongoye umugambwe CNL asaba umugambwe CNDD-FDD ku neza y’igihugu gutunganya ibiganiro vyohuza abarundi Bose mu ntumbero yo gukemura ibibazo abarundi barimwo uyu musi.

Mu gihe CNDD-FDD Ibandanya kunana ko ata biganiro vy’amagaburanyama bizopfa bibaye,Rwasa Agathon Yibutsa umugambwe CNDD-FDD uyoboye igihugu ko nabo batigeze batsinda urugamba iyo hataba ibiganiro vyatumye bashika mu nzego z’igihugu.

Kubwa Agathon Rwasa,1980 umuhari PALPE HUTU ukivuka wasaba ibiganiro na Leta y’uburundi ico gihe umugambwe uprona niwe waramutswa igihugu ariko Uprona iranana kuko wavuga rikijana ariko biza kurangira habaye ibiganiro ariko ibintu vyononekaye.

Rwasa yemeza ko ata mpamvu nimwe yotuma Leta ya CNDD-FDD itokumviriza abayisaba kuganiro kuko bashobora kuzovyemera ibintu habanje kwononekara vyinshi.

Nayo kubibaza ko CNDD-FDD izotwara gushika Yezu chiristu agatutse,Rwasa atanga akarorero k’umugambwe Uprona aho wavuga rikijana ata muntu yari kwibaza ko hazotinda hakavuka iyindi migambwe ariko ubu nta nguvu ugifise

Ibi vyose akaba yabishikirije kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 rusama 2025 mu kiganiro n’iradiyo peace FM ijwi ry’urwaruka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments