Umunyepolitike LĂ©once Ngendakumana arakebura abarundi Bose ko botora urunani Burundi bwa bose kugira bave mu Marira n’amaganya bashizemwo n’intwaro ya CNDD-FDD,batabikoze naho bazobandanya kurira no kuganya kandi amakosa azoba ari ayabo.

MU gihe imyiyamamazo mu matora yimirije ibandanya,kuri uyu wa 18 rusama 2025 muri zone kinama komine ntahangwa urunani Burundi bwa bose rwasavye abarundi bose muri rusangi kurushigikira kugira habe impinduka mu Burundi narirya umugambwe CNDD-FDD ukwije imyaka 20 kubutegetsi ariko bakananirwa gutunganya igihugu.

LĂ©once Ngendakumana yahoze atwara inama nshingamateka y’uburundi akarongora n’umugambwe Sahwanya Frodebu,yateye akamo abarundi Bose basanzwe bari mu marira n’amaganya gutora urunani Burundi Bwa bose kugira bahindure ibintu mu Gihugu.

Kubwa Léonce Ngendakumana,abarundi bakabona badatoye urunani Burundi bwa Bose ntibazosubire kwiriza kuko azoba ari amakosa yabo.

Uwo munyepolitike avuga ko umuganwa Ludoviko Rwagasore mbere na Ndadaye bari bafise umugambi wo kubaka uburundi bushasha arico gituma hiyumviwe gushinga urunani Burundi bwa Bose buzoshikana abarundi mu buzima bwiza.