UBM News ads

Leta y’Uburundi iriko irakora iki kugirango abagandaguye Syprien Ntaryamira bashengezwe ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uyu musi imyaka 31 irarumanye Umuhisi Syprien Ntaryamira agandaguriwe mu ndege imwe na Habyarimana mu Rwanda!
Ntaryamira niho yari agihabwa amabanga yo kurongora Uburundi,ntan’amezi 3 yari bwahere!

Kuva abo bubahwa babiri bagandaguwe, Dossier zimpfu zabo zabaye akamizwe n’ingoma.
Haba mu Burundi,mengo Ntaryamira ntiyigeze abaho,haba mu Rwanda Habyarimana mengo ntiyigeze abaho!

Ariko mu Rwanda biratahuritse cane!
Mu Burundi niho bitagira insiguro na ntayo!
CNDD-FDD ikiri mwishamba,yabesha abantu Abarundi cane cane Abahutu ko iriko irarwanira agateka k’Abahutu,ko iriko irondera ubutungane kuri Ndadaye na Ntaryamira!
Vyanatimye Abahutu benshi bayirungikamwo abana babo kugira barwanire agateka kabo!

Ariko kuva igeze ku butegetsi muri 2005 dossiers za Ndadaye na Ntaryamira zaciye zubikwa!
Kuri Ndadaye Hoho kuva 2014 baciye bayivyura,naho ntikwari kubera bamukunze ahubwo yari inzira imwe yo kugarura agatima k’Abahutu kubera Mandat ya 3 ya Nkurunziza! Hari abafashwe bagirizwa Ndadaye,barafungwa n’abari mumahanga urubanza bararuciriwe batarafatwa ubwo haba hasohotse imitahe mpuza makungu ibafata harimwo na Kizigenza BUYOYA!

Ariko imbere ya mandat ya 3 ya Nkurunziza,Buyoya yari umugenzi cane wa CNDD-FDD nibo bana murungika muma missions menshi ya ONU!
Col.BIKOMAGU wewe yamwigandaguriye nawe yagumye yidegemvya,yaje kwicwa ahorwa Adolphe!
Ariko hageze kwiyegeraniriza imitima y’Abahutu,boyaya yaciye acika umwansi wa CNDD-FDD kubera atari ashigikiye iyo mandat!
Naca bamwagirizako agira agaruke gutera coup d’Etat yongere atware Uburundi!

Nayo Umuhutu uwariwe wese yumvise Buyoya ko agaruga gutwara Uburundi,yari ngombwa afatanye na CNDD FDD ku ngingo iyariyo yose!!
Kuri Ntaryamira hoho ntagakacira,kuko uvyuye dossier ya Ntaryamira uba uvyuye iya Habyarimana!
Nkurunziza agishika ku Butegetsi,Kagame yamugize umugenzi cane,aramwiyegereza gose bituma Ntaryamira yibagiranwa!
Ariko abategetsi batwara Uburundi uyu musi,kuba bararetse gukurikirana iyo dossier bitwaza ngo vyohungabanya umubano wibi Bihugu bibiri(Urwanda&Burundi) nubundi ntaco vyavyaye kuko uwo mubano wahavuye usambuka,Imipaka irugaye,nta ruja n’uruza ruri hagati yivyo bihugu!

Selv ibi iyo biba bivuye kuri Dossier Ntaryamira,aha buri muntu yovuze ati turafise Abatware! Ariko ibifunze imipaka uyu musi ni ibintu bidatahuritse neza,ni ibihendwa Abana gusa!!
CNDD-FDD yahemukiye abarundi mu bintu vyinshi cane!
Muri make abo bantu ivyo bavuga vyose kwari ugushaka ko baronka inguvu gusa,ubundi nta yindi migambi bari bafise atari ukwihora muvy’ubutunzi! Basahaka nabo baronke amazu ibujumbura nkaba Buyoya,bubake muza buraya,nagira amafaranga menshi kurusha abababanjirije!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments