Guhindura ubutegetsi bwa CNDD-FDD hakaza ubutegetsi bufise ishaka ryo guteza imbere igihugu n’inzira imwe yotuma ibintu bihinduka mu Burundi nkuko bishikirizwa n’urunani Burundi Bwa Bose!
Keffa Nibizi aruvugira avuga ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD aribwo bwakwegeye abarundi mu bukene butagira izina kuko bwuzuyemwo abaryi b’ibiturire n’abanyonyeza amatungo ya Leta,kubwivyo abarundi basabwa kuja hamwe bakikurako ubutegetsi bwa CNDD-FDD

Mu kiganiro kubamenyeshamakuru co kumusi w’ejo igenekerezo rya 3 Ndamukiza,Urunani Burundi bwa Bose rwaratanze umwihwezo rw’ibihe uburundi burimwo muri iki gihe uburundi bwimirije kwinjira mu matora.
Nkuko vyashikirijwe na Keffa Nibizi avugira urwo runani,Ubutegetsi bwa CNDD-FDD busa n’ubwananiwe gutore umuti ikibazo c’igitoro kimaze igihe kinini mu Burundi ibishobora gutuma Abanyamigambwe batoroherwa mu gihe c’imyiyamamazo yimirije.
kubwa Keffa Nibizi ati Ibintu bibandanije uku Leta Yokwiga ingene hoshirwaho inzego zotowe kuko basanga amatora adashoboka bibandanije uko.
ikindi murunani Burundi Bwa Bose bashikiriza nuko Leta ya CNDD-FDD ikwiye kuvaho kuko yananiwe gutungana neza igihugu.
Aha Keffa Nibizi yeerekaa ko Ubukene buzura inzara abarundi barimwo bwatewe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD kuko ubwo butegetsi bwuzuyemwo abanyonyeza amatungo ya Leta n’abaryi b’ibiturire cane.
Mu runani Burundi bwa Bose basaba abarundi gufatana mu nda bakikurako ubutegetsi bwa CNDD-FDD maze hakaza ubutegetsi bufisr ishaka ryo gutanga icizere mu gihugu.





Recent Comments