UBM News ads

Prezida Ndayishimiye abuze iki ngo ahane akarwi gafukamye igihugu mu Nda?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nti bisanzwe ku gihugu c’uburundi aho Prezida Ndayishimiye akomeje kunanirwa guhana akarwi gafukamye igihugu mu nda kandi akazi.

Akamaramaza ni Muri SOPEBU aho Prezida Ndayishimiye yidoga avuga ko bamuriye igiturire ca Milioni 4 ariko akaba yabikoze kugira amenye neza ubusuma bubera muri SOPEBU,aho yasanze bafise marché noir y’igitoro,milioni 31 z’ama litiro y’igitoro zaranyurujwe ariko abo bose bakaba bidegemvya.

Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko kugira amenye ubusuma n’amanyanga bibera muri Sopebu yabanje nawe kuribwa igiturire ca milioni 4 z’amafranga y’amarundi.

Ibi yabishikirije mu kiyago n’abagwizatunga cabaye kuri uyu wa 28 Ntwarante 2025,Aho Umukuru w’igihugu yarerekanye ingene igisata c’ibitoro bamaze kukizanamwo akajagari nkuko bimeze kumafranga mvamakungu.

Prezida Ndayishimiye Ati : “Kurya birya vyose vy’ama ‘devise’ n’amarundi vyazanywe na BRB, niko Sopebu yashizeho ‘marché noir’ y’igitoro. Sopebu yategerezwa gusohora igitoro biciye muri ‘station’ ifise code, kuko narabonye ivyarivyo. Hanyuma Sopebu ica ivuga iti ‘wewe nta gitoro ukeneye ? Urafise aho tukigushirira ?’ Ugaca ugenda uti impa ilitiro 50 000. […] Ubwa mbere baca bakubwira bati zana 8.000 (kw’ilitiro), ubu bakuwe bari bageze kuri 10.000 (kw’ilitiro).

Prezida Ndayishimiye kugira amenye ayo manyanga yose,avuga ko yakoresheje iperereza ridasanzwe.

Jewe narize ishure ata n’umwe arizi ng’aha muri iki gihugu. Ishure rijanye no guperereza. Ikintu ndagifata naciboneye jewe nyene amaso mu yandi.”

Prezida ati : “Jewe Sopebu yarandiye igiturire c’imiriyoni zine(4000.000fbu)ewe naratumye umuntu iritiro 1.000 baramubaza bati urafise aho ushira ? Nawe ati ego, vyose nguma ndabikurikirana gutya. Bati banza utange 4.000.000 zacu. Nanje nti tanga, kugira nzobe mfise ivyemezo kuko no mu butungane baba barahejeje kugura abacamanza. Umenga ntaho witwara”

Aho rero naho yasanze hariho marché noir y’igitoro yasanze hariho na Milioni 31 z’ama litiro y’igitoro yanyurujwe na SOPEBU ariko ababikoze bose bakaba bidegemvya.

Biramaze kugagaragara ko Prezida Evariste Ndayishimiye arwiza amajambo gusa ariko atagira umusaruro.Abo bose avuga arabazi kandi niwe abagena!

None umuntu yokwibaza igituma arwiza amajambo ariko guhana abafukamye igihugu mu nda bakabandanya bifegemvya?

Si rimwe si kabiri biba aho abategetsi b’uburundi bigaragara ko barangwa n’ingeso yo kunyonora amatungo ya Leta ariko bakaguma bijandajandira ntibahanwe.abenshi bibuka urugomero rwa mpanda rwatembejwe n’abari babijewe umushikiranganji w’ubutare n’agataka Ico gihe yari Come Manirakiza aho Prezida Ndayishimiye yatanza indwi 2 kugira abanyuruje imiliyaridi 54 z’amafranga y’amarundi zisubizwe mu kigega vyihuse ariko nubu iyo dosiye yarubitswe.

Ibi vyose vyerekana ko Prezida Ndayishimiye ata bubasha afise ku bihangange bimwe bimwe bizigamitse igihugu ibizotuma uburundi ataho bushika mw’iterambere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments