UBM News ads

Leta y’uburundi isavye RDC gutunganya ibiganiro bidakumira n’aberwa bose n’ibibazo vy’intambara muri kongo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi ibicishije kuwuyiserukira muri ONU Zephyrin Maniratanga yasavye RDC gutunganya ibiganiro bihurikiyemwo n’aberwa bose n’ibibazo vy’intambara ziri mu buraruko n’ubuseruko bwa kongo ariko hadasizwe inyuma ibiganiro vy’i Nairobi na Luanda kugira kongo ironke amahoro.

Umuserukizi w’uburundi muri ONU,Zephyrin Maniratanga yemeza ko ashigikiye Ibiganiro vy’i Nairobi na Luanda nk’umuti urama w’iki kibazo ca Kongo.

Mu nama nkuru y’umutekano ya ONU yabaye ku musi w’ejo uburundi bwasavye RDC ko ikwiye gutunganya ibiganiro atawe bikumira n’aberwa bose n’ibibazo vy’intambara ziri muburaruko n’ubuseruko bwa kongo kugira haboneke umuti urama muri ibi bice bisinzikajwe n’intambara!

Leta y’uburundi isanzwe ifise ingabo z’uburundi zagiye gufasha kongo kurwanya umuhari M23 usanzwe urwanya leta ya kongo ariko nazo zaje kunanirwa urugamba kuko ibice nka Goma Na Bukavu hari ingabo nyishi z’abarundi ariko birangira hafaswe.

Leta y’uburundi rero biciye kuwuyiserukira muri ONU zephyrin Maniratanga Asaba ko hakwiye ibiganiro vy’abakongomani ubwabo ariko na cane cane ibiganiro vy’i Nairobi na Luanda bitibagiwe kugira ibi bibazo vy’intambara bihere muri kongo.

Ibiganiro n’imwe mu nzira zo gukemura amatati y’intambara gusumba gukoresha inguvu nkuko bimaze kugaragara mu bice vyinshi vy’isi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments