UBM News ads

Urwaruka rwa kongo rusabwa kwinjira igisirikare mu guhangana n’urwanda-Judith Suminwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urwaruka rw’abakongomani ruterwa akamo kwinjira igisirikare ca kongo kugira barwanire igihugu cabo cigaruriwe n’urwanda.

Umushikiranganji wa mbere wa kongo Judith Suminwa Yabijeje kubahemba umushahara ushimishije kugira bakorane ishaka ryinshi mu kurwanya urwanda rwavogereye igihugu cabo.

kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 Ntwarante 2025 umushikiranganji wa mbere wa kongo Judith Suminwa yararamutse agendera urwaruka rurenga 1000 n’abigeme 26 biyemeje kwinjira igisirikare ca kongo kugira barwanire igihugu cavogerewe n’urwanda mu kibanza c’imyimenyerezo ca Tombagadio.

Urwo rwaruka rurenga 1000 rwijejwe ko rugiye gufatwa neza harimwo guhabwa imishahara ishimishije kugira bakore bafise ishaka nkuko vyemejwe n’umushikiranganji wa mbere wa kongo Judith Suminwa.

Judith Suminwa yagize ati:”mwagize neza gukorera igihugu natwe tuzoshitsa ivyo twiyemeje kubakorera”.

Kongo ihanganye n’umuhari m23 umaze imisi wigarurira ibice bitandukanye muri kivu y’ubumanuko n’ubuseruko harimwo n’igisagara ca Goma na Bukavu ubu Bigenzurwa n’inyeshamba za M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments