UBM News ads

Ubwoba kuri CNDD-FDD kubera Agathon Rwasa ! Batabaye maso ibintu bishobora kugera kure.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

NIKI GITUMA AGATHON RWASA ABURABUZWA NA CNDD FDD ?
Nkuko bimeze mu bihugu vyinshi vya Africa, Imigambwe iri ku Butegetsi yipfuza gutwara imyaka myinshi cane n’Abategetsi bayikomokamwo bagashaka kuguma mu bibanza barimwo imyaka myinshi!
Ivyo rero ntibiva k’Urukundo baba bakunda Igihugu n’Abene gihugu, ahubwo akenshi bagomba kuguma mu nyungu zabo no gukingira ivyo baronse kuko kenshi babironka mu nzira atarizo,rero bashaka kuguma batwara kugira ubutunzi bwabo bugume bukingiwe!
Abanye politique benshi bakorera mu binyoma gusa,kandi baba bashaka ko ivyo binyoma vyabo bigirwa vyéranda, ntihagire uwubahinyuza canke abavugire ibintu!
Hageze mu Burundi hoho birenze urugero, bategura ikinyoma gisa n’ukuri kandi bagashaka ko mukigenderamwo ukwo nyene, ugiye kubiri naco uca witwa igipinga!
Muri make bipfuza ko Abantu baguma mumwijima gusa!

AGATHON RWASA ni umunya politique nawe nkabandi,arashobora kuba yohinduka nkabandi canke agakora ukwo Abandi bariko barakora!
Ariko kugeza ubu mu bantu bafise ubwenge bumeze neza,ivyiyumviro vyiza,imigambi myiza yiterambere RWASA arimwo!
Rwasa afise impano yo kuba umu Leader,kuko aratuje Mumutwe,kandi ariyumvira neza cane! Kandi ni n’Umuntu afata Ingingo zirimwo ubwenge bwinshi!
CNDD FDD umuntu nkuyo ntiyomworohereza nagato,kuko barazi neza ko ivyo baronse munzira atarizo vyose mu myaka 25 bamaze vyotakara,kandi iyi yoba ineza ku mwenegihigu!
Rwasa rero ari mu banyepolitique bakunzwe cane mu Burundi kandi arabikwiye pe,
Ariko yagiye arahura n’inzitizi nyinshi mu rugendo rwiwe rwa politique guhera muri 2008 avuye mw’Ishamba,icambere CNDD FDD yakoze kwabaye kumuteranya n’Abarwanyi(abasoda)biwe Aho kwinjizwa mu nzego z’Umutekano nkabandi,benshi baratashe ataco batahanye kuko Leta ya CNDD FDD yabatekereye ibirato vya Yeboyebo gusa!

Abanye politique biwe barakomiwe cane mu nzego,kuko uwo bahaye poste atwara yavuye muri FNL wasanga akora ibitangaza,yarakora agahindura ibintu mu mwanya muto cane ugasanga ico gisata cateye imbere!
Akarorero gato: Hari umu FNL yabaye DG wa SOSUMO, umwimbu baronse uwo mwaka,nuyu musi ntinarigera bongera kuwuronka! Ariko baciye bamukura ubwo nyene,none raba uyu musi n’agasukari Abarundi ntibakironka!
Muri make aba FNL bari bafise discipline muvyo kuyobora!

Ni murabe inama nshinga mateka ya NYABENDA Pascal na Agathon Rwasa ingene yari Smart, wasanga vy’ukuri ari inama nshinga mateka ifise ico imariye abene Gihugu,nubwo aba FNL bari bake,kandi na Nyabenda arafise ubwenge bumeze neza!
Ariko uyu musi Gélase Ndabirabe abawora agiye kubaha ama Sachets muyahekenye mwongere muyamire!
Kuba ama Sachets acinjira mu Burundi ni Ingorane zabanyagihugu canke ni Ingorane za Leta idafata Ingingo inayikirikize??
Abinjiza izo sachets Gélase agomba kugaburira abene Gihugu si izo ntakorwako nyene!? Sibo babikura Uganda bakavyinziza mu Burundi kandi bikarengana kuko ivyabo bidakorwako na OBR?
Rwasa rero,kuva akiri mw’Ishamba yari yarateguye neza Abantu biwe,ningene bazoywara igihugu bagifashe,ariko CNDD FDD ntavyo yigeze ikora! Ahubwo Abenshi bari bafise inyota yo kuronka ubutunzi nkaba Buyoya,kuba Ibujumbura ikiriri,kugira mumiduga myiza myiza,….

Ibi ntibivuzeko muri CNDD FDD atabagabo babashingantahe bahari,n’ukuri barahari kandi benshi,ariko abo usanga babashira mumabanga badashobora gufata Ingingo! Barakumirwa,ngo ntibarwanye,barakumirwa bivanye niyo bavuka,….Abamanga bagaca bayaha abatayashoboye ngo nuko barashe!!
Rwasa rero rugendo rwiwe rwa politique rusa nk’aho rwageze kwiherezo,kuko baramwugaje Ibwirizwa shingiro mwatoye 2018 kandi rirya ryategiriwe we!
Nta nzira n’imwe asigaranye yo kumushikana mu matora uyu mwaka,kandi barabizi ko uyu mwaka naho bomwivye gute,yobaysinze!
Kandi nabo ba CNL bahenzwe na CNDD FDD ngo bahemukire umugambwe wabo,mu matora ntibazoroherwa,ikibanza ca kabiri kizofatwa na UPRONA.
Abanye politique nka RWASA mu Bihugu vya Africa,kenshi basazira mu gasho canke mu Buhungiro canke bagapfa kare!
Na RWASA kimwe murivyo kirashobora kumushikira Imana nita bimurinda!

Kuko azogomba gukoresha igikundiro afise ku banyagihugu asange akoze,canke avuze ikintu gituma ahura nibibazo!
Gusa nyene harigihe abo nyene hagera aho bayobora ariko babanje guhura nibikomeye,mwarabibonye guhera kuri NELSON MANDELA(South Africa)
Fayé(muri Sénégal)
Hichilema(Zambia)

Ikintu cica Africa politique yaho ijana na Fanatisme!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments