Ejo bundi twarababwiye kubijanye n’Intambara ya M23=RDF ko izoshika no mu Burundi,abatari bake mwavyakiriye nk’indoto,twarababwiye ko na Leta ya NEVA ibizi arinaco gitima yarungitse abasirikare muri Congo kugira bahanganireyo bitabanje gushika mu Burundi.
Nizereko nka mwese mwaraye mwumvise PrĂ©sident NEVA avyivugira imbere yaba serukira ibihugu vyabo mu Burundi,atako atanga gasopo ikomeye ku Rwanda n’amahanga ataco ariko akora kugira urwanda rureke kudurumbanya akarere!!
Iyi ntambara ni Plan ndende cane,Kandi akarere kose kazoshikirwa niyi ntambara.

Vuba urwanda na Uganda bakoresheje azina ry’uruyeri M23 barafata BUKAVU(Capitale ya Sud-Kivu) Aho si kure cane na Cibitoke murumvako Uburundi buzoba bwegerewe!!
Hari utubazo dutatu abakunzi bacu batubajije:
1.Nikubera iki Urwanda rudurumbanya akarere?
2.Kubera iki akarere kadatera urwanda?
3.Uburundi buzoshobora guhangana niyi ntambara yananiye Congo kandi idusumvya uburyo?
Nagira ndabishure kuri kimwe kimwe:
1.iyi ntambara si iy’Uwanda gusa,eka ntanivyo rwoshobora rwonyene, iyi ntambara mwavyanka mwavyemera ifatiye kum’acakubiri ya Moko gushirako ukwitungisha kw’ibihugu bikomeye kw’Isi.(aha nibake bashobora kubitahura).
Congo iri mubihugu 10 vyambere bikomeye muvya gisirikare muri Africa,ariko urwanda no muri 20 ntirurimwo!
Congo ishora ama Dollars menshi canke mugisirikare gusumvya urwanda nk’incuro 40.
Akabazo rero ni kuki kurugamba Congo itsindwa n’urwanda?
Inyishu yaha rero niyo ikwerekako inyuma y’urwanda ko hariyo ukundi ku Boko gukomeye cane gusumba Congo, Kandi uku kuboko kwitwaje ibirwanisho vya none bigezweho hamwe n’amafranga menshi cane yo guha abategetsi bamwebamwe kugira bahemukire abandi,aha na President Kisekedi ntiwomushira kure cane yabantu bakira aya mafranga bategetswe nibi bihigu bikomeye!
Ubundi atabuhemu bwagiyemwo, hagakoreshwa Patriotisme Congo yofata urwanda mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa !!
Ariko kubera Congo yatanguye guhemukirwa na bene yo kuva mu 1996 igihe DĂ©sire Kabila yikora ku Rwanda na Uganda bamufashe gukuraho Leta ya ZaĂ¯re yico gihe,niho vyose vyaparanganiye,
Urwanda ico gihe rwajanweyo na Missions 3:
1.Kurondera ubutunzi kugira bitungishe inyuma yo kuva mu ntambara yo 1994(Génocide)
2.Gukurikirana aba Hutu(génocidaires)Aho bahungiye hose kugira babamare kuko 90% bahungiye mumashamba ya Congo.
3. Kwagura urwanda hakoreshejwe abatutsi baba Nyamulenge bakiyita aba Congomani. Kandi aba mu vyukuri si Abacongomani na gato,abanyamulenge ni abanyarwanda bagiye muri Congo kera mumyaka 1924 gushika mu 1959 batwaye amasho yabo yinka kugisha no guhunga intwaro zico gihe mu Rwanda zabangamira abatutsi.
Barondera ibihugu birimwo amashamba manini yo kuragiramwo inka!
Aha rero igihugu bagiyemwo ku bwinshi ni Congo,ahandi ni Tanzania na Uganda(buriya bwoko bw’Abasukuma muri Tanzania benshi Amamuko yabo ni mu Rwanda.
Muri Uganda naho nibo burya bwoko bwab’Anyankole aribwo bwoko Museveni avamwo!Abo ba Deployinze akarere ka Mbarara nahandi biyita (Abahima)
2.Igituma akarere kadatera Urwanda:
Aha impamvu nya mukuru ni Ukuboko kuri inyuma yarwo,nuwuzanye ico ciyumviro aca azibishwa amafranga menshi canke bakamuteza ivyago,akarorero Tanzania muri 2013 mwarabibonye ko naza Malawi zahagurutse bagomba kurwana bapfuye ikiyaga NYASA kimaze ibinjana nibinjana bagisangiye.
3.Uburundi buzoshobora iyi ntambara?
Oya,Uburundi ntibwoshobora guhangana naba bantu kubera impamvu nyinshi:
1.Abarundi ubwabo bipfuzako Leta ya Cndd fdd ibavako ni benshi cane,
2.Leta ya Cndd fdd ntiyigeze ikomeza gisirikare,
3. Leta ya Cndd fdd yo nyene ubwayo yarisamburiyeko mu kudafata kumwe Abahutu bituma hari umuce utari muto w’abahutu bokwifatanya nuwoyitera bataravye ubwoko
4.amacakubiri y’amoko aracakomeye mu Burundi. iki rero ni ikintu gikomeye cane,kuko abatutsi bib’Urundi naho mubona bihoreye burya umugambi barawuzi Kandi bawurimwo!
Gusa ba nyakuntunga ndabakunda kuko bazi ubwenge!
5.Abasirikare Uburundi bufise ubu benshi ni aba ba jeunes bashasha,abo nabo ntibajanwayo no gukunda igihugu ahubwo bahungirayo ubushomeri! Aba rero ntivyoroshe ngo bahangane n’umuntu yitwaje inoti,biroroshe cane kugutana urugamba bakajana nuwufise inoti kuko nizo baba bashaka.
Aha rero nkuko Président NEVA yabivuze,aha akarere kari mumazi abira,Havuye Uburundi Tanzania izoca ishikirwa. Kenya yoyo vyaramaze gutungana!





Recent Comments