Umushikiranganji w’inkino n’imicokama y’afrika y’epfo Gayton Mckenzie Yasavye uwurongoye inama nshingamateka y’afrika y’epfo ko urwaruka rwose rudafise akazi ruhabwa imyimenyerezo ya gisirikare maze rukarungikwa Muri kongo kurwanya umuhari m23 kandi ko nawe azoja imbere ku rugamba.
N’ishavu ryinshi Gayton agira ati:”twaraciye bugufi biramaze!abishe abasoda bacu bategerezwa kubona ingaruka,M23 tugiye kuyiha isomo”.

Mu kiganiro c’inama nshingamateka(National Assembly debate)co ku musi w’ejo kuvyerekeye abasirikare 14 B’Afrika y’epfo bapfiriye muri kongo bishwe n’umuhari m23,vyabonetse ko abashingamateka bose babaye mbere basavye ko ingabo z’Afrika y’epfo zovanwa muri kongo.
Ariko naho biri uko,umushikiranganji w’inkino n’imicokama Gayton Mckenzie yasavye uwurongoye inama nshingamateka kwegeranya urwaruka rwose rudafise ubuzi rugahabwa imyimenyerezo ya gisirikare maze rukarungikwa muri Kongo kurwanya umuhari 23 uheruka kwica abasirikare 14 b’Afrika y’epfo.
Gayton yavuze ko igihe co guca bugufi carangiye,uwishe ingabo z’Afrika y’epfo abwirizwa kubona inkwirikizi zikomeye.
Uwo mushikiranganji n’ishavu ryinshi,yavuze ko umuhari m23 utegerezwa kubona isomo kandi yiyemeza ko nawe agiye kuja murugamba rwo kurwanya umuhari M23.
Mu butumwa bwiwe ku musi w’ejo igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2025,Prezida w’Afrika w’epfo Cyril Ramaphose yavuze ko igihugu ayoboye c’Afrika y’epfo kizobandanya gushigikira kongo kugira ironke amahoro n’umutekano.





Recent Comments