UBM News ads

Paul Kagame avuga ko atazi nimba hari ingabo z’urwanda ziri muri Kongo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro cihariye ku mboneshakure CNN,Paul kagame avugako atazi nimba hari ingabo z’urwanda ziri muri kongo gufasha umuhari m23 ariko yemeza ko urwanda rutegerezwa kugira ico rukoze mu kwikingira.

Paul Kagame agira ati:”Ntavyo nzi nimba hari ingabo z’urwanda ziri muri kongo,Hari ibintu vyinshi ntamenya.”.

Paul kagame yaraye atanze ikiganiro cihariye ku mboneshakure CNN aho yagarutse kubibazo vy’umutekano muke mu buseruko bwa kongo.

Umumenyeshamakuru Larry Madowo yamubajije ikibazo nimba hoba hari ingabo z’urwanda ziri muri kongo ariko paul Kagame arabihakana. Kuri kino kibazo yavize ko atazi nimba hari ingabo z’urwanda ziri muri kongo kurwana ku ruhande rw’umuhari m23 mu kurwanya ubutegetsi bwa kongo ariko amenyesha ko hari ibintu vyinshi atamenya.

Yagize ati”:Ntavyo nzi nimba hari ingabo z’urwanda ziri muri kongo,hari ibintu vyinshi ntamenya.”.

Paul Kagame avuga ariko ko nimba hari ikibazo kiri muri kongo kiraba urwanda hama urwanda rukagira ico rukora kugira rwikingire aho yishura 100% ko arivyo.

Prezida paul kagame yagarutse ku gihugu ca Afrika y’epfo aho acagiriza kuja muri kongo atari intumbero yo kugarukana amahoro ahubwo ko afrika y’epfo yagiye kwinjira mu bikorwa vyo kwimba ubutare hamwe n’ibihugu nk’uburusiya.

Abahinga ba ONU(UN experts)muri rapporo yabo bemeje ko ingabo z’urwanda ziri hagati ya 3000-4000 babarizwa mu buseruko bwa kongo gufasha umuhari m23 kurwanya ubutegetsi bwa kongo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments