UBM News ads

Amakungu asabwa guhagarika umugambi w’urwanda ruri kwihagira imbibe za kongo-Hamza Venant Burikukiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hamza venant Burikukiye arongoye urunani rw’amashirahamwe y’abagendana umugera wa sida CAPES+ ariyamiriza inyifato mbi y’amakungu ataco akora kugira abuze urwanda kwihagira imbibe za kongo.

Hamza venant asaba abarundi kurikanura cane mu gihe urwanda rwokwinjira mu burundi ko bohagurukira rimwe mu kururwanya bafatanye mu nda nkuko babikoze kumuzungu Lumariza.

Hamza Venant Burikukiye arongoye ishirahamwe CAPES+yaraye asohoye itangazo aho yiyamiriza cane Urwanda ndetse n’amakungu ataco akora ngo abuze umugambi urwanda rufise rwo kwihagira imbibe mu gihugu ca kongo kandi bikaba amakungu arorera.

Uwo arongoye ishirahamwe CAPES+ Asaba amakungu gufasha kugira intambara iri mu buseruko bwa kongo ihagarare kuko iriko imara inzirakarengane.

Hamza venant Burikukiye avuga ko ashigikiye iciyumviro ca Prezida Evariste Ndayishimiye aho yasavye amakungu kugondoza urwanda rureke iterabwoba ruri gukora muri kongo mu kwihagira imbe za kongo.

kubwa Hamza Venant Asaba abarundi kurikanura cane mu gihe urwanda rwokwinhjira mu burundi mu kururwanya bafatanye mu nda nkuko babikoze mu kurwanya umuzungu Lumariza.

kuri uyu wa gatandatu imbere y.abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi,Prezida Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ivyo urwanda ruri gukora muri Kongo bibandanije hazoba intambara mu karere kanda ko afise amakuru ko urwanda rufise umugambi wo gutera ubirundi ariko ko abarundi batazorera amaboko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments