UBM News ads

Prezida Paul Kagame bacanyemwo na Cyril Ramaphosa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida paul Kagame yarakajwe cane n’amajambo ya prezida Wa Afrika y’epfo aho yavuze ko RDF ari umuhari w’inyeshamba(militia) ko wishe abasirikare 13 ba Afrika y’epfo.

Paul kagame we avuga ko RDF ari ingabo z’igihugu kandi ko nimba Afrika y’epfo ishaka intambara urwanda ruriteguye gutanga igisubizo.

Prezida ku musi w’ejo yagaragaje agashavu afise inyuma yaho prezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’epfo avuze ko RDF ari umuhari w’inyeshamba(militia)abahora kwica abasirikare 13 ba Afrika y’epfo.

Paul Kagame avuga ko ingabo za RDF ari ingabo z’igihugu gusa avuga itangazamakuru rya Afrika y’epfo bamuvugiye ibintu atigeze avugana na Cyril Ramaphosa bamwongererako.

Prezida Paul Kagame yavuze ko ingabo z’frika y’epfo zitagiye kugarukana amahoro muri RDC ahubwo ziri kurwanya umuhari M23 kandi ari abakongomani,yongerako ko Afrika Y’epfo itopfa ibaye n’umuhuza mumatati.

Paul Kagame avuga ko ingabo za EAC arizo zari kugarukana amahoro muri RDC ariko Prezida wa Kongo Felix Tshisekedi yazirukanye ivyasubije inyuma inzira y’ibiganiro bigamije gukemura intambara.

Prezida Paul Kagame yarangije avuga ko nimba Afrika y’epfo yipfuza intambara urwanda rwiteguye gutanga igisubizo

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments