UBM News ads

Abarundi bibagira ningoga-Prezida Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi ni bibuke vya bihe bahora bagenda inda zijejeta muma pantaro bareke kwidogera umugambwe CNDD-FDD ngo ntubashikanye mu gihugu c’isezerano.iyo n’impanuro prezida Evariste Ndayishimiye.

kubwa Varisto Ndayishimiye umugambwe CNDD-FDD waramaze gushikana abarundi mu gihugu c’isezerano naho benshi batabibona ari kunegura gusa.

Mu gikorane c’amasengesho mpuzamadini catunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Ngozi,Prezida Evariste Ndayishimiye aratangazwa n’inyifato y’abarundi batazi gushima ivyo Imana iriko irakora mu gihugu.

Varisto Ndayishimiye atanga akarorero aho mu bihe biheze abarundi bagenda buzuye inda muma pantaro ariko ubu zaheze kandi bakaba bibereye mu mahoro y’umusesekara.

Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko Umugambwe CNDD-FDD wamaze kubashikana mu gihugu c’isezerano naho hari abatabibona bameze nk’ibidadarare.

Ariko naho bamwe batabibona niko vyari bimeze no mu gihe ca Mose igihe yakura abisiraheli muri Egiputa ariko bashitse hakurya bagatangura kumwidogera.

I Ngozi mu ntara nshansha ya Butanyerera hariko habera igikorane c’amasengesho mpuzamadini catanguye kw’igenekerezo rya 23 nzero 2025 kikaba kiza kurangira uyu musi kuwa gatandatu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments