UBM News ads

Intambara ya Congo ishobora gufata akarere kose-Antonio Guteress.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guteress asaba umuhari M23 guhagarika intambara vyihuse,kuva mu turere twose umaze gufata no kubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara yo kuwa 31 Mukakaro 2024

Guteress Akavuga ko atagikozwe cihuta iyi ntambara ishobora gufata akarere kose.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guteress avuga ko atewe impungenge n’imirwano y’umuhari M23 n’igisirakare ca Kongo imaze iba mu mu ntara ya kivu y’uburaruko n’ubumanuka mu gihugu ca Kongo hatimwo n’ibitero vyabaye ku musi w’ejo wa kane aho uwo muhari M23 wafashe umuji wa Sake wegereye Igisagara ca Goma.

Nkuko vyaraye bimenyeshejwe n’umuvugizi wiwe mw’itangazo ryo kumusi w’ejo,ibi bitero bifise inkwirikizi zikomeye ku banyagihugu ba kongo mbere izi ntambara zigashobora gufata akarere kose.

Ibi Antonio Guteress abishikirije mu gihe umuhari M23 umaze imisi ufata uburere bwinshi harimwo na Minova iri muri kivu y’ubumanuko yafashwe kuri uyu wa Kabiri.

Ubu intambara zikaba zerekeza muri Goma nkuko vyaraye bishikirijwe n’umuvugizi w’umuhari M23 mu rwego rwa politike LAWRANCE KANYUKA aho yaraye avuze ko vuba cane bagiye kubohoza umuji wa Goma.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guteress akaba rero asaba umuhari M23 guhagarika intambara vyihuse,kuva muturere twose umaze gufata no kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara yo kuwa 31 Mukakaro 2024.

Antonio Guteress agasaba impande zose Urwanda na Kongo gushira imbere ibiganiro vy’i Luanda mu nyumbero yo gukemura iyo ntamabara.

Umunyamabanga mukuru wa ONU arangiza ashimira prezida wa Angola Joao Laurenco ku twigoro twose ariko arakora kugira aberwa n’ibibazo vy’umutekano muke urangwa muri Kongo bicare hamwe mu gutora umuti urama muri izi ntambara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments