Mu gisagara ca Los Angeles muri Leta ya Calforniya umuriro ukaze cane ukomeje kurandagata inyuma yo kwifashisha Indege hamwe n’ibimodoka bizimya ariko bikananirwa kubera hadutsemwo umuyaga ufise umuvuduko wa kilometero 160 kw’isaha.

Umuriro ukomeje kurandagata muri leta ya Californiya mu gisagara ca Los Angeles inyuma yo kwifashisha indege hamwe n’ibimodoka bizimya ariko bikananrirwa kubera haciye haduka umuyaga ufise umuvuduko wa kilometero 160 kw’isaha nkuko bitangazwa n’ikimenyeshamakuru Le Monde.
Uyu muriro ukaze cane watanguye kuwa kabiri uheze igenekerezo rya 7 nzero 2025 uhera mu bice 6 vy’igisagara ca Los Angeles muri Leta ya Californiya.
Uyu muriro umaze guhitana ibintu vyinshi cane harimwo abantu 24 bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima nayo amazu ibihumbi n’ibihumbi arononekara nkuko bitangazwa n’inzego z’ubuvuzi.
Kuzimya rero muri iyi ndwi irangiye vyari bigoye kubera uwo muyaga wadutse nkuko bitabgazwa n’abajejwe kugendereza ibihe mbere bagashikiriza ko uwo muyaga ushobora gushika kuri uwu wa gatatu.
Inzego zitandukanye ziri mu bikorwa vy’ubutabazi zemeza ko umuyaga ubandanije uko umeze bizogorana kuzimya uwo muriro.





Recent Comments