UBM News ads

Gute urwanda rwisuka mu bibazo vya kongo?-Réverien Ndikuriyo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Reveriyano Ndikuriyo arongoye umugambwe CNDD-FDD arababazwa n’akajagari uwanda ruri guteza muri kongo rwitwaje ko ruri kurwanya interahamwe zakoze ihonyabwoko 1994.

yongerako ko Uburundi na kongo bifitaniye imigenderanire myiza muvyagisirikare ko rero urwanda rudakwiye kuvyivangamwo rubonye ingabo z’uburundi ziri muri kongo.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo ntatahura impamvu ituma urwanda rwivanga mu bibazo vya Kongo kuva mu mwaka w’1994.

Urwanda rumaze imyaka ishika 30 ruvuga ko ruri kurwanya interahamwe zakoze ihonyabwoko muri kongo none ntibarazimara?niko reveriyano abaza!

Uwo mukuru w’umugambwe uri kubutegetsi yemeza ko urwanda ruri guteza akajagari muri kongo rwitwaje ko ruri guhiga imihari nka FDLR yagirizwa gukora ihonyabwoko mu rwanda.

Kubwa reveriyano Ndikuriyo avuga mu gihe uburundi na kongo busanzwe bufitaniye imigenderanire myiza muvya gisirikare,urwanda ntirukwiye kuvyivangamwo ni nkuko kongo nayo ishobora gusaba uburundi kuja kuyifasha kuko ari umubanyi.none ivyo urwanda ruvyivangamwo nka nde?abandanya abaza Ndikuriyo.

Ibi akaba yabishikirije ku musi wa gatanu mu ntara ya kera ya makamba mu kiganiro yaremesheje kubanditsi n’abamenyeshamakuru igenekerezo rya 3 nzero 2025.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments