UBM News ads

Ishirahamwe Olucom rivuga ko Brarudi ishobora kwugara.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe Olucom risaba Leta y’uburundi gukora uko ishoboye kwose kugira Ishirahamwe BRARUDI ntiryugare nkuko ayandi mashirahamwe ya Leta ariko arahomba kuko igihugu cohungabana cane harimwo no kubura imishahara y’abakozi.

Jean Nduwimana avugira Olucom avuga ko bafise amakenga ko BRARUDI ryoba rigiye kugara kuko ritagishoboye gutanga ibinyobwa kubenegihugu.

Mu gihe hamaze hibonekeza ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi mu gihugu cose,Ishirahamwe Olucom Rimenyesha ko rifise amakenga ko Brarudi rishobora kugara umwanya uwo ariwo wose.

Nkuko bishikirizwa n’umuvugizi waryo Jean Nduwimana,Brarudi ntigishoboye guhereza ibinyobwa abenegihugu kandi arico ijejwe ibiheza bigatera amakenga ko yoba iriko itera yugara nkuko bimaze imisi biba kumashirahamwe ya Leta nka yose ariko agenda akagirire.

Uwo muvugizi w’ishirahamwe Olucom asaba Leta y’uburundi kwihutira gufasha kugira BRARUDI ntiryugare kuko inkwirikizi zoba nyishi kugihugu mbere n’abakozi bagashobora kubura imishahara yabo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments