UBM News ads

Prezida paul kagame na Tshisekedi bagiye guhurira i Luanda mu biganiro.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibihe vyinshi prezida Felix Tshisekedi wa kongo yiyama prezida Paul kagame,bagiye guhurira mu nama i Luanda kuwa 15 kigarama 2024 mu ntumbero yo gutorera umuti icuka kibi kiri hagati y’ibi bihugu vyompi.

Ibi bikaba vyemezwa n’ibiro vy’umuhuza mu matati y’ibi bihugu 2 prezida João Lourenço wa Angola.

Ibiro vy’umuhuza mu matati ya kongo n’urwanda prezida wa angola João Lourenço yaraye amenyesheje ko hari inama izoba kuwa 15 kigarama 2024 i luanda ihuza prezida kagame w’urwanda na Felix Tshisekedi wa kongo mu ntumbero yo gukemura icuka kibi cibonekeza hagati y’ibi bihugu vyompi.

Mu nama yabereye i luanda kw’igenekerezo rya 24 munyonyo 2024 niho yahuje abashikiranganji b’imigenderanire ya kongo n’urwanda batera umukono ku masezerano yo kwirukana kubutaka bwa kongo umuhari FDLR wakoze ihonyabwoko mu rwanda mu mwaka wa 1994.

Urwanda rwagumye rwagiriza kongo gukorana na FDLR,umuhari urwanda babona nk’umurwi w’inkorabara ukwiye gutuzwa cane.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments