UBM News ads

Amasezerano y’urwanda na Kongo ntaraba umuhari M23

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umahari M23 wemeza ko amasezerano yabaye hagati y’urwanda na kongo atawuraba kuko ico ushaka ari ibiganiro bihuza AFC/M23 na kongo.

Hagati aho inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yanzuye ko ibiganiro vy’iLuanda bishirwa hamwe n’ibiganiro vy’iNairobi bivugako kongo itegerezwa kuganira na m23.

Mu gihe hamaze imisi haba ibiganiro bihuza igihugu c’urwanda na kongo bihagarariwe na prezida wa Angola kugira haboneke umuti urama kundwano irangwa mu buseruko bwa kongo,umuhari 23 wowo ubona ko ataco bishobora gufasha.

Ihuriro AFC/M23 mw’itangazo basohoye ku musi w’ejo igenekerezo rya 30 munyonyo 2024,iri huriro ryemeza ko ivyo urwanda na kongo bari gusezerana bitabaraba kuko ayo masezerano aza gukuraho icuka kibi hagati y’urwanda na kongo gusa.

Ico AFC/m23 basaba n’ibiganiro vyohuza impande zifitaniye ibibazo;kongo n’umuhari m23 gusa.

kuri kino kibazo Inama y’abakuru b’ibihugu vy’afrika y’ubuseruko yasavye ko vuba ibiganiro vy’iluanda bishirwa hamwe n’ivya NAIROBI kugira haboneke umuti urama mu ntambara zihanze kongo

Ibiganiro vy’inairobi vyavuga ko kongo itegerezwa kwicarana n’umuhari m23 mu gutorera umuti intambara zibarizwa mu buseruko bwa kongo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments