UBM News ads

N’iki abarundi bokwitega mu Runani rushasha rugiye kuvuka?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Patrick Nkurunziza arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu yemeje umugambi w’ishingwa ry’urunani rukomeye ruhurikiyemwo imigambwe,abanyepolitique baba abari hanze eka n’abari mu gihugu,n’abantu bose bipfuza impinduka mu Gihugu.

Patrick Nkurunziza ati CNDD-FDD yivye kera ubu ntibigiye kuyorohera, harageze ko abarundi bose bahagurukira rimwe mu butandukane bwabo bakisubizako iteka kuko igihugu camaze gutembagara.

Mu gihe hamaze imisi havurwa urunani rushasha rwoba ruriko rurategurwa kugira rushobore guhangana n’umugambwe CNDD-FDD mu matora yimirije ya 2025,patrick Nkurunziza arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU yaraye yemeye ko ayo makuru ari ayo ukuri.

Mu gihe yari umutumire ku mbuga hwaniro space kuri X(twitter ya kera) mu kiganiriro catunganijwe n’abarundi baba hanze y’igihugu muri rino joro ryakeye,Patrick Nkurunziza yamenyesheje ko ishingwa ry’urunani rukomeye ruhurikiyemwo imigambwe ivyipfuza,abanyepolitike bose baba abari hanze y’igihugu eka mbere n’abari mu gihugu eka mbere abarundi bose bipfuza impinduka,kuja hamwe bose ni kimwe mu vyotanga impinduka mu gihugu nariya igihugu kigeze ahatemba.

Mbega uru runani rutandukaniye he n’izindi nani zagiye zirabaho bikarangira zitembagaye??

Mu gihe himirije amatora ya 2025,Patrick Nkurunziza asanga inzira imwe rudende abarundi bakwiye gukoresha mu guhindura ibintu ari kugira urunani rukomeye.ariko si ubwa mbere izi nani zishihgwa kuko muri 2010 harashinzwe urunani ADC ikibiri ariko birangira ataco rushitseko.eka mbere hari izindi nani zari zihurikiyemwo abanyepolitike b’abarundi batavuga rumwe na Leta Ya CNDD-FDD aho twovuga nka CNARED-Giriteka,CFOR-Arusha,urunani Mbohora gihugu,IC RAPIDE SERUKA…Izi nani zose ugerageje kuraba urabona ko ata kintu kigaragara zashitseko.

Aha kuri kino kibazo Patrick Nkurunziza yemeza ko urunani rugiye Gushingwa rwiteguriwe neza kandi ko ata numwe atabona aho uburundi bugeze.

ikindi nuko runo runani nkuko patrick avyemeza ruzoba rurimwo imigambwe myishi cane yaba iyahoze muri Frodebu ikaza kwiyonkora,yaba aba CNDD-FDD bahoze muri FRODEBU,eka mbere akemeza ko UPRONA bagiye kuvugana,n’abandi benshi adashima kuvuga kuko ngo hataragera!

Mbega ko bimenyerewe CNDD-FDD yiba amatora bizogenda gute?

Ibihe vy’amatora yo mu burundi uhereye muri 2010,2015,2020 vyamye birangwamwo utunenge twinshi cane.akarorero ka fafi cane n’ako muri 2020 aho vyagaragaye ko umurwi w’igihugu CENI utashoboye gukora akazi kawo mu bwigenge ugatanga ibiharuro bidatomoye.mbere Ico Gihe bikavurwa ko Rwasa Agathon yari arongoye umugambwe CNL yari yatsinze amatora ya 2020 bikaza kurangira yibwe amajwi nkuko hari bamwe bamwe bagiye batanga ubuhamya baba abari mu mugambwe cndd-fdd canke abari mw’iperereza ry’uburundi.kuri kino kibazo Nkurunziza Patrick yemeza ko aya matora ya 2025 azobamwo impinduka zikomeye kandi ko CNDD-FDD yohitondera cane.

akemeza ko ubu abazocungera amatora bazogenda bafatanye mu nda kandi bakavaho barose ibiharuro vyerekana uko amatora yagenze(pv).

Mbega ururu runani n’iki rutegekanya hamwe rwotsinda amatora yimirije?

Mu gihe igihugu c’uburundi kiri mu bihe bidasanzwe haba mu vya politike,ubutunzi n’imibano,Patrick Nkurunziza yemeza ko hamwe batsinze amatora hari ivyihutirwa gukora kugira bubake uburundi:Gutahukana impunzi,kurekura Abantu bose buzuye mu mabohero bazira imvo za politike abandi bazira imigambwe,abandi bahorwa ubusa.Kugarukana ubutungane mu Gihugu;abantu bose bazi ko basheshe amaraso guhera mu myaka ya 1960 kugeza uyu musi bategerezwa gushengezwa bazobibazwe.kunywanisha abarundi bose.Gushiraho imigambi yotuma uburundi busubira kugira igihagararo mu vyo ubutunzi.

Biragoye kwizera cane ko runo runani ruzokworoherwa kuko umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD utemera guhiganwa ikivyerekana n’isamburwa ry’imigamwe,kwica no guturatuza,gupfunga,guhohotera abari mu yindi migambwe.

Umugambwe CNDD-FDD wama uvuga ko muvyawujanye mw’ishamba kwari guhabuza Democrasi yari yaranigiwe mu menshi n’intwaro z’abatutsi zari zitwara ico gihe ariko bashitse kubutegetsi boba barazanye democrasi?inyishu iroroshe gutanga uravye aho igihugu kigeze.

Umugambwe CNDD-FDD ukwiye kwemera ihiganwa n’iyindi migambwe canke inani kugira ntihasubire kuba imvururu nk’izabaye muri 2015 narirya gushika uyu musi uburundi bukiri mu bibazo vyatewe n’ibihe vya 2015.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments