Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aratangazwa n’abantu baguma bidoga kugeza aho bamwaka ikintu bazi neza ko ata robine afise akivomamwo.
Evariste Ndayishimiye avuga ko banka bavyemera uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije bugana igihugu c’amata n’ubuki.

Kumusi w’ejo igenekerezo rya 28 munyonyo 2024 mu masengesho yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD ahora aba buri wa Kane urangiza ukwezi,Varisto Ndayishimiye ati gutwara sicoroshe.
Varisto Ndayishimiye atanga akarorero ka musa dusoma muri bibiliya aho abisiraheli bamusavye amazi ntibashirwa baguma bidoga kugeza aho bamwaka inyama nazo kugeza aho asaba Imana ngo Imwice kuko yabona bigoye.
Evariste Ndayishimiye ati Ibaze abantu batinda bakakwaka Ikintu bazi neza ko ata robine nfise ndakivomamwo.
Umukuru w’igihugu avuga ko naho hari abaguma bidoga uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije bwerekeza igihugu c’amata n’ubuki.





Recent Comments