Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo avuga ko ubu abagumyabanga bose ba CNDD-FDD bamaze gutakaza umutwe biyumvira ibibanza buca baronka inyuma y’amatora ya 2025.
Reveriano Ndikuriyo abasaba kugenda gahoro babanze biteho umwenegihugu kuko bose batazoshikirwa kandi ico Imana itakugeneye ataco upfa ushitseko.

Mu gihe buri uwu wa kane urangiza ukwezi hama hatunganywa igisabisho mpuzamadini gitunganywa n’umugambwe CNDD-FDD,Igisabisho co kuri uyu wa 28 munyonyo 2028 cari catewe iteka n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye hamwe n’umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Reveriano Ndikuriyo bikaba kikaba cabereye mu gisagara ca Bujumbura.
Mw’ijambo ryiwe Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD reveriyano Ndikuriyo yarakebuye abagumyabanga muri rusangi kubanza kwitwararika ineza y’umwene gihugu imbere yo kubanza kuniganira ibibanza mu matora yimirije.
Reveriyano Ndikuriyo yavuze ko ubu abagumyabanga bamaze gutakaza umutwe bibaza ibibanza bazoronka inyima y’amatora y’imirije ahubwo abasaba kugenda bukebuke kuko ico Imana itakugeneye ntaco upfa ushitseko.
Prezida Evariste Ndayishimiye wewe avuga ibibanza biharuye,ni bike ariko ababishaka ni benshi rero abagumyabanga bamenye ko bose batazoshikirwa ariko uwuzoronka wese yiyumvire gukorera umwenegihugu.





Recent Comments