Umushikiranganji w’ubutungane wa kongo Constant Mutamba amenyesha ko agashimwe gategekanijwe ku muntu wese yofata Prezida Paul Kagame kuko ariwe mwicanyi wa mbere akaba n’umwansi w’abanyekongo.
Mutamba akavuga ko abanyororo bo mw’ibohero ry’i Munzenze bagirizwa gukorana n’urwanda bagiye kwicwa kumugaragaro.

Mu gihe ku musi w’ejo igenekerezo rya 23 munyonyo 2024 umushikiranganji wa kongo ajejwe ubutungane yararamutse agendera ibohero ry’i Munzenze i Goma,yavuze ko Prezida kagame ariwe mwansi n’umwicanyi wa Mbere w’abanyekongo ko rero agashimwe gategekanijwe kuri uwo wese yomufata.
Mutamba yasavye abanyororo bapfungiwe mw’ibohero ry’i Munzenze kudomako urutoki ku banyororo bose bakorana n’urwanda maze baheze bicwe!.
Mutamba yavuze ati:”Dutegerezwa kwica abanyororo bose bari hano bakorana n’ubutegetsi bw’urwanda,mu bavuge abo muzi bari hano.abazodufasha iki gikorwa tuzobarekura!”.
Arongera ati:”Abanyororo bose bakorana na Kagame tugiye kubafata tubungururize mw’ibohero rya Gisirikare ry’ANGENGA kandi na Kagame Tugiye kumufata”.
Mutamba avuga ko badashobora kwemera ko abanyamahanga(abanyarwanda) baza kwigarurira amatongo y’abanyekongo barorera.
Uwo mushikiranganji w’ubutungane yemeje kandi ko igikorwa kigeze kure intonde z’abagirizwa gukorana n’urwanda baza bazifise hamwe n’abanyorora bagiye kurekurwa.
Naho uwo mushikiranganji yaraye avuze amajambo mabi mbere bisa nko gutegura ihonyabwoko,hasanzwe hari ibiganiro hagati ya Kongo n’urwanda bihagarariwe n’igihugu ca Angola kugira haboneke umuti urama ku mutekano wa kongo.





Recent Comments