Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe Olucom asaba Umushikiranganji mbere na Leta yose gutanga imihoho kuko biboneka ko bananiwe guhagarika iduga ry’ibiciro riteye ubwoba kuvyankenerwa.
Rufyiri ati ikiranga umugabo nyawe iyananiwe atanga imihoho!

Ku musi w’ejo Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yagaragaje ko hari iduga riteye ubwoba kuvyankenerwa.
Ikibabaje kubwa Gabriel Rufyiri nuko biriko biba hakaba habuze uwubihagarika,hakabura inyishu irama.
Rufyiri arabaza ati:”none Leta iriko ikora iki?umushikiranganji w’ubudandaji ariko akora iki?abanyamigambwe bariko bakora iki?”.
Uwo arongoye Olucom abona ko Umushikiranganji w’ubudandaji yopfuma atanga imihoho abarundi bose bakabibona mbere na Leta yose yotanga imihoho mu gihe bose boboneka ko bananiwe guhagarika iri duga ryimonogoje.
agira ati:”icerekana umugabo iyo ananiwe atanga imihoho.”
Kubwa Gabriel Rufyiri asanga iri duga ry’ibiciro kuvyankenerwa bifitaniye isano kandi n’ibura ry’amafranga y’agaciro,agasaba ko ibanki nkuru y’igihugu ko yova mu biro vy’umukuru w’igihugu maze ikigenga.





Recent Comments