Inama nshingamayeka ya Kongo yarakajwe no kubona umushikiranganji Olivier Nduhungirehe w’urwanda ajejwe imigenderanire ahabwa ivyubahiro bikomeye umusi yagera i Goma kuri uyu wakabiri.
Inama nshingamateka yategetse ivyabaye bitosubira kuko nabo iyo bagiye mu rwanda babakira bisanzwe.

Mu gihe kuri uyu wa kane inama nshingamateka yari iramutse ikorana haragarutse ikibazo cerekeye umushikiranganji Olivier Nduhungirehe ajejwe imigenderanire mu Rwanda aho vyagaragaye ko yahawe ivyubahiro bikomeye n’abasirikare n’abapolisi.
Umukuru w’inama nshingamateka ya Kongo vital Kamerhe yasavye icegera c’umushikiranganji ajejwe ubutungane Sammuel Mbemba yari umutumire mu nama nshingamateka gushikiriza umushikiranganji wa mbere wa Kongo Judith Suminwa ko abashingamateka vyabababaje kubona Olivier Nduhungirehe aza IGoma agahabwa ivyubahiro bikomeye n’abasirikare n’abapolisi.
Vital Kamerhe yagize ati:”Dushaka amahoro nivyo muga ntiyoca ahabwa ivyubahiro nka birya,Uwutwara igisirikare n’umugenduzi mukuru w’igipolisi i Goma,birababaje cane ntituzi ivyo turimwo.”.
“Muzomubwire hanyuma agarutse hano kubutaka bwa kongo ko bitazosubira ntidukeneye ko asubira guhabwa birya vyubahiro.”Vital Kamrhe”.Iyo turoye iRwanda ntavyubahiro nka birya baduha,kubera iki twebwe twobandanya tubibaha?Mubwire Umushikiranganji wa mbere ko abashingamateka bose bababaye!”.
Igenekerezo rya 5 Munyonyo 2024 uwutwara ivyagisrikare muri Kivu y’uburaruko Gen Peter Cirimwami aherekejwe n’abandi banyacubahiro mu gisirikare n’igipolisi yari mubakiriye umushikiranganji Olivier Nduhungirehe i Goma mbere yitabira itanguzwa kumugaragaro umugambi w’isuzumwa ry’iyubahirizwa ry’amasezerano yo Guhagarika intambara yateweko umukono i Luanda muri Angola kumpande zishamiranye,Umuhari M23 na Leta ya Kongo.





Recent Comments