UBM News ads

Aba CNL bayoboka Agathon Rwasa bose bahamagarirwa kwiyandikisha mubazotora-Simon Bizimungu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyankamugayo zose ziyoboka Agathon Rwasa zisabwa kwiyandikisha guhera uyu musi mubazotora mu matora yimirije naho integuro yayo iteye amakenga.

bishikirizwa n’umushingamateka Simon Bizimungu akaba n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNL ishami rya AGATHON RWASA.

Nkuko uyu musi igenekerezo rya 22 gitugutu 2024 ariho hatangura igikorwa co kwandika abazokwitabira amatora yo mu mwaka uza,mu mugambwe CNL ishami rya AGATHON RWASA bahamagarira inyankamugayo zose kwiyandikisha bose naho integuro y’amatora iteye amakenga.

Mu butumwa yarungikiye abanywanyi ba CNL ,umushingamateka Simon Bizimungu asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa CNL ishami rya Rwasa Agathon yagize ati:”Ndongonzi namwe nyankamugayo muyoboka uburongozi bw’umugambwe CNL burongowe na Nyakubahwa Umushingamateka Agathon Rwasa ndabaramukije amahoro y’Imana kandi mvuga nti dusangwe CNL.

Nkuko mumaze imisi muvyumva ejo aho bukera igenekerezo rya 22 gitugutu 2024 niho iyandikwa ry’abazokwitaba amatora rizotangura.Naho biboneka ko integuro y’ayo matora iteye amakenga,duhamagarirwa kwitaba iryo yandikwa twese ejo ku musi wa kabiri”.

Amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine akaba p ategekanijwe igenekerezo rya 5 Ruheshi 2025,ayo abakenguzamateka ategekanijwe igenekerezo rya 23 Mukakaro 2025 hamwe nayo Abakuru b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 25 myandagaro 2025.

Inyankamugayo zose ziyoboka Agathon Rwasa zisabwa kwiyandikisha guhera uyu musi mubazotora mu matora yimirije naho integuro yayo iteye amakenga.

bishikirizwa n’umushingamateka Simon Bizimunhu akaba n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNL ishami rya AGATHON RWASA.

Nkuko uyu musi igenekerezo rya 22 gitugutu 2024 ariho hatangura igikorwa co kwandika abazokwitabira amatora yo mu mwaka uza,mu mugambwe CNL ishami rya AGATHON RWASA abamuyoboka bahamarirwa kwiyandikisha bose naho integuro y’amatora iteye amakenga.

Mu butumwa yarungikiye abanywanyi ba CNL ,umushingamateka Simon Bizimungu asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa CNL ishami rya Rwasa Agathon yagize ati:”Ndongonzi namwe nyankamugayo muyoboka uburongozi bw’umugambwe CNL burongowe na Nyakubahwa Umushingamateka Agathon Rwasa ndabaramukije amahoro y’Imana kandi mvuga nti dusangwe CNL.

Nkuko mumaze imisi muvyumva ejo aho bukera igenekerezo rya 22 gitugutu 2024 niho iyandikwa ry’abazokwitaba amatora rizotangura.Naho biboneka ko integuro y’ayo matora iteye amakenga,duhamagarirwa kwitaba iryo yandikwa twese ejo ku musi wa kabiri.

Amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine ategekanijwe igenekerezo rya 5 Ruheshi 2025,ayo abakenguzamateka ategekanijwe igenekerezo rya 23 Mukakaro 2025 hamwe nayo Abakuru b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 25 myandagaro 2025.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments